Urutonde rw'inyigisho z'intumwa

Ubwislamu bwubakiye ku nkingi zitanu
عربي الإنجليزية الأوردية
"Iremwa ry'umwe wese muri mwebwe riba mu kwiyegeranya kw'intanga mu gitereko ca nyina mu kiringo c'imirango mirongo ine n'amajoro mirongo ine
عربي الإنجليزية الأوردية
Uwo wese azokwadukana gishasha muri iri dini ryacu, kitari mu vyo twigishije, azogisubizwa, ntikizokwakirwa namba
عربي الإنجليزية الأوردية
Ivyo nababujije, enda nyabuna muraheza mwirinde kubikora; ivyo nabategetse na vyo, enda nyabuna muraheza mukore ivyo mushoboye muri vyo
عربي الإنجليزية الأوردية
Emwe bantu! Mu vy'ukuri Imana Allah, ni Nziza kandi Irakunda ivyiza, kanatsinda Imana Allah Yategetse abemeramana gukora nka birya nyene Yategetse Intumwa
عربي الإنجليزية الأوردية
Kibondo! Mu vy'ukuri ngira ndakwigishe amajambo ngirakamaro: enda zigama Imana Allah mu kubungabunga amabwirizwa yayo, na Yo Izokuzigama Ikubungabunge; zigama Imana Allah uzoyisanga imbere yawe mu biguhanze, niwagira ico usavye, urasaba Imana Allah, niwashaka gusaba imfashanyo urayisaba Imana Allah
عربي الإنجليزية الأوردية
Mbwira mu vyerekeye ubwislamu, ijambo ntazobaza uwundi muntu n'umwe atari wewe". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yishuye iti: "Vuga uti: "Naremeye Imana Allah", hanyuma ugororoke mu gutsimbatara kw'idini
عربي الإنجليزية الأوردية
Ubona gute mu gihe nosenga amasengesho-bwirizwa, ngapfunga ukwezi kwa Ramadhani, nkubahiriza amabwirizwa y'ibirekuwe nkabikora, nkubahiriza n'amabwirizwa y'ibizira nkavyirinda
عربي الإنجليزية الأوردية
Ndabasigiye iragi ry'uko mwotsimbatara kw'igamburukiramana, ukwumva n'ukwumvira indongozi, n'aho indongozi ibarongoye yoba ari umuja, burya uwuzobaho akaramba muri mwebwe mu nyuma zanje, azobona ukudahuza mu guhazana kenshi mu vyiyumviro, nivyabashikira rero muraheza muce mwisunga inyigisho n'imigenzo vyanje, hamwe rero n'imigenzo y'ingendanyi zanje z'abagororotsi zigendera ukuri
عربي الإنجليزية الأوردية
Ni ukuri, umbajije ku kintu gihambaye, coroshe gukora ku wacoroherejwe n'Imana Allah
عربي الإنجليزية الأوردية
Mu vy'ukuri Imana Allah Yaranditse ivyiza n'ibibi, hanyuma Iraheza Irabitomora
عربي الإنجليزية الأوردية
Mu vy'ukuri, Imana Allah Yavuze Iti: "Umuntu uwo ari we wese azobangamira umutoni wanje, ni ukuri naramaze kumusezeranira indwano, burya nta muja wanje anyiyegereza mu gukora ivyo Nkunda kurusha, vyoza bisumba kunyiyegereza mu gukora ivyo Namubwirije
عربي الإنجليزية الأوردية
Nta n'umwe muri mwebwe yokwemera bikwiye, ivyipfuzo vyiwe bitabanje gukurikiza ivyo narungikanywe mu mabwirizwa
عربي الإنجليزية الأوردية
Hari ibintu bine, uwurangwa na vyo aba ari indyarya igaragara, uwuranzwe na kimwe muri vyo, aba aranzwe na kimwe mu bintu biranga indyarya gushika igihe avavanuye na co: iyo agize ngo araganiriye, arabesha; n'iyo agize ngo ariyemeje ikintu, arahemuka ntagishitsa; n'iyo agize ngo aratanze isezerano ntaryubahiriza; n'iyo hagize uwo batase, arerura mu kumucokora
عربي الإنجليزية الأوردية
Ewe Mana yanje Nzima! Ntuzogire imva yanje kuba ahantu hasengerwa ibigirwamana
عربي الإنجليزية الأوردية
Jewe ndi Nyawikwije Azira ibangikanywa. Kubera ivyo, uwo wese agize ico akora akimbangikanijeko n'ikindi kintu, nca ndamurekera nya gikorwa nkamutererana n'ico yambangikanije
عربي الإنجليزية الأوردية
Mu vy'ukuri, jewe ndiyejeje ku Mana Allah kuba nogira umukunzi nkoramutima muri mwebwe, kuko mu vy'ukuri Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yangize umukunzi nkoramutima wayo; nka kurya Yagize Ibrahimu umukunzi nkoramutima wayo
عربي الإنجليزية الأوردية
Uwo wese arahiye ku kitari Imana Allah, ni ukuri aba agararije canke abangikanije
عربي الإنجليزية الأوردية
Wewe mu vy'ukuri, uzoja guhura n'abantu bahawe Igitabu, nimwahura rero na bo, urabanza ubararikire ukwemera bemange ku mutima bature ku rurimi, ko ata mana y'ukuri ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah, n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana Allah
عربي الإنجليزية الأوردية
Ntimukarenze urugero mu kumpayagiza nka kurya abanaswara barengeje urugero mu guhayagiza Mwene Mariyamu. Ni ukuri, jewe ndi Umuja w'Imana Allah. Nimwashaka rero kunshimagiza, muraheza muvuge muti: "Umuja w'Imana Allah akaba n'Intumwa yayo
عربي الإنجليزية الأوردية
Uwuzogirirwa ibakwe kurusha abandi ry'uko nzomusabira ku musi w'izuka, ni uwavuze ijambo "LAA ILAAHA ILLA LLAAH" ryejejwe ku bw'Imana Allah, arikuye ku mushaha canke ku mutima wiwe
عربي الإنجليزية الأوردية
Uwuzohura n'Imana Allah atigeze ayibangikanya n'ikintu na kimwe, azokwinjira mu Bwami bw'ijuru. Nayo uwuzohura na Yo yarayibangikanije, azokwinjira mu muriro udahera
عربي الإنجليزية الأوردية
Haragahona abavugira ku nsya z'amenyo n'ubwishime hamwe n'ukudadika mu mvugo n'ingiro
عربي الإنجليزية الأوردية
Uwo wese yungururije uwananiwe kwishura ingurane akamuha irindi sango, canke akamuhebera umugabane w'ingurane yamwishuza, ku musi w'izuka ry'ibiremwa, Imana Allah Izomushira mu gatutu Yamugeneye musi y'Ubuhangamo bwayo, kuri uwo musi ata gatutu kazoba kahari kiretse agatutu kagenwe na Yo
عربي الإنجليزية الأوردية
Uwo Imana Allah Ishakiye ivyiza Iraheza Ikamugerageza mu vyiwe no mu biwe
عربي الإنجليزية الأوردية
Ba mureka kumbazagiza igihe cose nzoba ata co nshimye kuba nobabwira; ni ukuri icatumye abo hambere yanyu bahanwa bagahona, kwari ukubazagiza n'ukudahuza mu guhazana ku vyo Abigishwa n'Abavugishwamana barungikiwe
عربي الإنجليزية الأوردية
Mu vy'ukuri, Imana Allah Yaranditse ivyiza n'ibibi, hanyuma Iraheza Irabitomora ko uwo wese rero azozirikana gukora iciza, hanyuma ntagishire mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako iciza kimwe cuzuye; niyaramuka naho akizirikanye hanyuma akagishira mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako ivyiza cumi vyuzuye gushika ku vyiza bigwijwe incuro amajana indwi, eka mbere n'ibirenga gushika ku vyiza bigwijwe incuro nyinshi hisunzwe izirikanamana yagikoranye; n'uwo wese azozirikana gukora ikibi hanyuma ntagishire mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako iciza kimwe cuzuye; niyaramuka naho akizirikanye hanyuma akagishira mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako ikibi kimwe gusa
عربي الإنجليزية الأوردية
Mu vyukuri, Imana Allah ntiraba ingene musa n'uko muremye, eka ntinaraba amatungo yanyu, ariko Iraba ibiri mu mitima yanyu hamwe n'ibikorwa vyanyu vyiza mwakoze
عربي الإنجليزية الأوردية
Ubwislamu, ni uko wemera ku mutima ukatura n'ururimi, wemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah, ukemera kandi ku mutima ukatura n'ururimi, wemanga ko Muhamadi ari Intumwa yayo; ugatsimbataza isengesho; ugatanga ishikanwa-bwirizwa; ugapfunga ukwezi kwa Ramadhani; ukanashengerera ingoro ntagatifu iri i Makka mu gihe ushoboye gushikayo
عربي الإنجليزية الأوردية
Uwo wese azokwadukana gishasha muri iri dini ryacu, kitari mu vyo twigishije, kizomugarukako(azogisubizwa, ntikizokwakirwa namba)
عربي الإنجليزية الأوردية
Emwe baja banje! Mu vy'ukuri, Jewe Naraziririje ko hagira uwo Ndenganya ubwanje, Ndaheza Nziririza akarenganyo no hagati yanyu, kubera ivyo rero, ntimukarenganyane hagati yanyu
عربي الإنجليزية الأوردية
Kibondo! Mu vy'ukuri ngira ndakwigishe amajambo ngirakamaro, enda zigama Imana Allah mu kubungabunga amabwirizwa yayo, na Yo Izokuzigama Ikubungabunge; zigama Imana Allah uzoyisanga imbere yawe mu biguhanze; niwagira ico usavye, urasaba Imana Allah, niwashaka gusaba imfashanyo urayisaba Imana Allah
عربي الإنجليزية الأوردية
Umwe wese mu bantu narungitsweko, azokwinjira mu Bwami bw'ijuru kiretse gusa uwuzokwanka
عربي الإنجليزية الأوردية
Uwishushanyije n'umugwi w'abantu mu nyifato no mu nyambaro, araheza agacika umwe muri bo
عربي الإنجليزية الأوردية
Ntibirekuwe ko umuntu ahunga mwenewabo ikiringo kirenga imisi itatu, maze uyu yahura n'uyu akamwirengagiza, n'uriya yahura n'uyu akamwirengagiza, burya intore muri bo, ni urya yitanganiza mu kuramutsa amahoro mugenziwe
عربي الإنجليزية الأوردية
Uwubangamira abandi, Imana Allah Iraheza Ikamubangamira; uwuremereje abandi, Imana Allah Iraheza Ikumuremereza
عربي الإنجليزية الأوردية
Ubwislamu bwubakiye ku nkingi zitanu
عربي الإنجليزية الأوردية
Uwuzobona muri mwebwe ikibi gisasiwe indava, araheza akibuze akoresheje inguvu z'iminwe yiwe; nibitamushobokera ku nguvu z'iminwe, araheza akoreshe ururimi maze yamame; nibitamushobokera gukoresha ururimi, araca yanka yankirize nya kibi ku mushaha wiwe, ukwo kucanka ku mushaha rero, ni kwo kwemera kugoyagoya
عربي الإنجليزية الأوردية
Uwo wese azoba umugwaneza mu vyo akora ari mu bwislamu, ntazohanirwa ivyo yakoze acemera ibintazi. Nayo uwuzokora ibibi ari mu bwislamu, azoheza ahanirwe ivyo yakoze hambere no hanyuma
عربي الإنجليزية الأوردية
Ubona gute mu gihe nosenga amasengesho-bwirizwa, nkapfunga ukwezi kwa Ramadhani, nkubahiriza amabwirizwa y'ibirekuwe nkabikora, nkubahiriza n'amabwirizwa y'ibizira nkavyirinda
عربي الإنجليزية الأوردية
Ukwihumanura ni igice c'ukwemera; ishimagizwa ry'Imana Allah mu kuvuga uti: "AL-HAMDU LILLAAH" na ryo ryuzuza umunzane mu ndishi; ininahazamana hamwe n'ishimagizwa ry'Imana Allah mu kuvuga uti: "SUB-HAANA LLAAHI WAL-HAMDU LILLAAH" na vyo, vyuzuza ikirere kiri hagati y'isi n'amajuru mu ndishi
عربي الإنجليزية الأوردية
Bantu! Enda nimuntege amatwi mwumve, mbega burya ntibizoshika ko umuntu ashikirwa n'inyigisho yakiriwe ivuye kuri jewe, yiyicariye ku nyegamo yiwe agashoka avuga ati: "Ico dukwiye kwisunga twebwe na mwebwe, ni Igitabu c'Imana Allah
عربي الإنجليزية الأوردية
Mu vy'ukuri, agateka k'Imana Allah Ifise ku baja bayo, ni uko bayiyegereza mu vyo bakora vyose bakanayisenga batayibangikanya na kimwe mu biremwa; nayo agateka k'abaja bayo bayifiseko, ni uko Itazohana uwutayibangikanya na kimwe mu biremwa
عربي الإنجليزية الأوردية
Uwupfuye atigeze abangikanya Imana Allah n'ikintu na kimwe mu biremwa, ategerezwa kuzokwinjira mu Bwami bw'ijuru, nayo uwupfuye yarabangikanije Imana Allah n'ikintu na kimwe mu biremwa, ategerezwa kuzokwinjira mu muriro
عربي الإنجليزية الأوردية
Mbwira mu vyerekeye ubwislamu, ijambo ntazobaza uwundi muntu n'umwe atari wewe". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yishuye iti: "Vuga uti: "Naremeye Imana Allah", hanyuma ugororoke mu gutsimbatara kw'idini
عربي الإنجليزية الأوردية
Mu vy'ukuri, Imana Allah Izofata umuntu umwe mu bantu narungitsweko, kugira Imuharurire ishengero ry'ibiremwa rikoraniye ng'aho ku musi w'izuka
عربي الإنجليزية الأوردية
Igihe Imana Allah Yarema Ubwami bw'ijuru hamwe n'umuriro udahera, Yatumye umumalayika Jibrili (nyakugira amahoro y'Imana Allah)
عربي الإنجليزية الأوردية
Imana Allah Yanditse ivyagezwe ku biremwa vyose imbere y'iremwa ry'amajuru n'isi ku myaka ibihumbi mirongo itanu
عربي الإنجليزية الأوردية
Nimutsimbatare kw'igamburukiramana, ukwumva n'ukwumvira indongozi, n'aho indongozi ibarongoye yoba ari umuja w'umwirabure aturuka muri Egiputa; burya mu nyuma zanje muzobona ukudahuza mu guhazana kenshi mu vyiyumviro, nivyabashikira rero muraheza muce mwisunga inyigisho n'imigenzo yanje, hamwe rero n'imigenzo y'ingendanyi zanje z'abagororotsi zigendera ukuri
عربي الإنجليزية الأوردية
Nategetswe ko ndwanya abantu gushika bemeye bakemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa vy'ukuri atari Imana Imwe Rudende Allah, n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana Allah, baheze rero batsimbataze isengesho, banatange n'ishikanwa-bwirizwa
عربي الإنجليزية الأوردية
Mu vy'ukuri, Imana Allah yaramaze kwirengagiza uguhana abantu narungitsweko ku vyo bakoze mu kwihenda no mu kwibagira, hamwe rero n'ivyo bahatiwe gukora bitavuye ku mutima
عربي الإنجليزية الأوردية
Ni ukuri, umbajije ku kintu gihambaye, coroshe gukora ku wacoroherejwe n'Imana Allah
عربي الإنجليزية الأوردية
Emwe bantu! Mu vy'ukuri Imana Allah, ni Nziza kandi Irakunda ivyiza, kanatsinda Imana Allah Yategetse abemeramana gukora nka birya nyene Yategetse Intumwa
عربي الإنجليزية الأوردية
Ewe mwene Adamu! Mu vy'ukuri wewe, igihe cose uzonsaba ukanyizera, Nzokugumiriza akabanga ku vyaha vyawe, maze ndabikubabarireko uko bizoba bingana kwose ata na kimwe Ninona
عربي الإنجليزية الأوردية
Umuntu uwo ari we wese azobangamira umutoni wanje, ni ukuri, naramaze kumusezeranira indwano, burya nta muja wanje anyiyegereza mu gukora ivyo Nkunda kurusha, vyoza bisumba kunyiyegereza mu gukora ivyo Namubwirije
عربي الإنجليزية الأوردية
mu vy'ukuri ata na rimwe yigeze asaba Imana Allah avuga ati: "Mana yanje Rurema! Ndagusavye Uzombabarire ivyaha vyanje ku musi w'impera
عربي الإنجليزية الأوردية
Mbega mwoba muzi ico Imana yanyu Rurema Allah Yavuze?". Abari ng'aho bavuze bayishura bati: "Imana Allah N'Intumwa yayo, ni Bo Bazi gusumba". Iraheza ivuga ko Imana Allah Yavuze Iti: "Mu baja banje, haramutse harimwo uwunyemera n'uwungarariza
عربي الإنجليزية الأوردية
Mu vy'ukuri twebwe twiyumvamwo ibintu bihambaye mu bubi, ku buryo umwe muri twebwe bimuremera kuba yobivuga, Umuvugishwamana aca ababaza ati: "Ni ivy'ukuri ko mwiyumvamwo ivyo bintu bihambaye?", na bo baca bishura bati: "Ego cane! Turavyiyumvamwo.", aca ababwira ati: "Ukwo kutubahuka kubivuga rero, ni kwo kwemera gutomoye
عربي الإنجليزية الأوردية
Nihashimagizwe Imana Allah, Yo Yahagaritse urwenge rw'ihubisha rya shetani, rugaherera mu kuba inyoshambi gusa
عربي الإنجليزية الأوردية
Burya shetani iraza kuri umwe muri mwebwe ikamubwira iti: "Ni nde yaremye iki? Ni nde yaremye kirya?", gushika n'aho ivuga iti: "Ni nde yaremye Imana yawe Rurema?". Nivyashika rero aho ivuga ukwo, umuntu araca yikinga ku Mana Allah kugira Imukingire ingaruka y'inyoshambi zayo, maze ace areka gushishikara kuvyiyumvira
عربي الإنجليزية الأوردية
Mu vy'ukuri, Imana Allah ntirenganya namba umwemeramana ku ciza na kimwe akoze, araheza akagisubirizwa mu ndumane akiri kw'isi, akazonagihemberwa no mu buzima bw'inyuma yo gupfa
عربي الإنجليزية الأوردية
Ukwinjira kwawe mu bwislamu, gutuma ivyiza wakoze imbere y'aho ubihemberwa
عربي الإنجليزية الأوردية
Akarorero k'indyarya, ni nk'akarorero k'impene ijuragirika hagati y'ubusho bubiri bw'intungwa, ugasanga hari igihe ikurikiye ubu busho ikajana na bwo, ikindi gihe ugasanga ikurikiye buriya ikajana na bwo'
عربي الإنجليزية الأوردية
Mu vy'ukuri, ukwemera kurasaza mu kugabanuka mu mushaha w'umwe muri mwebwe; nka kurya impuzu isaza igatabuka. Enda rero nyabuna, ba musaba Imana Allah ko Yokwama Yabasubirije itoto ukwemera mu mitima yanyu
عربي الإنجليزية الأوردية
Mu vy'ukuri, biri mu bimenyetso bizokwibonekeza vyerekana ko umuhero w'isi ugiye gushika: ubumenyi nya bumenyi buzogenda amazimayongo, ubujuju bwake indaro (buzogwirirana), ubusambanyi buzokwiragira, ukunywa inzoga kuzogwirirana, abagabo bazokeha, abagore na bo bazogwirirana kugeza y'aho abagore mirongo itanu bahagarikirwa n'umuhagarikizi umwe w'umugabo
عربي الإنجليزية الأوردية
Umuhero w'isi ntuzogera mutabanje kurwana n'abayahudi, gushika n'aho ibuye umuyahudi yinyegeje inyuma, rivuga riti: "Ewe mwislamu! Ng'uyu umuyahudi yinyegeje inyuma yanje, ingo umwice
عربي الإنجليزية الأوردية
Umuhero w'isi, ntuzoshika izuba ritabanje guserukira mu burengero bwaryo; igihe rero ryaserukiyeyo abantu bose bazoca bemera
عربي الإنجليزية الأوردية
Urugomero rwanje ruzoba rureha n'uburebure bw'urugendo rw'ukwezi kuzima; amazi yarwo azoba yera de gusumba amata; akamoto kayo na ko, kazoba ari keza cane gusumba amavuta amoga neza ya miski
عربي الإنجليزية الأوردية
Mu vy'ukuri, jewe nzoba ndi ku rugomero ndindiriye gusanganira uwuza kurunywako muri mwebwe. Hari abantu bazobuzwa kunyegera, nce mbaza mvuga nti: "Ewe Mana yanje Rurema! Abo bari mu bankurikiye, bari mu bo narungitsweko
عربي الإنجليزية الأوردية
Ndarahiye kw'izina ry'Uwufise umushaha wanje (wa Muhamadi) mu minwe yiwe, ko mu vy'ukuri ibikoresho bizokoreshwa kuri urwo rugomero, bizoba ari vyinshi gusumba igitigiri c'inyenyeri ziri mu kirere hamwe n'ibizikurikira
عربي الإنجليزية الأوردية
Urupfu ruzozanwa mw'ishusho ry'intama inuze
عربي الإنجليزية الأوردية
Umuriro wanyu mukoresha kw'isi, ni igice kimwe mu bice mirongo indwi vy'umuriro wa Jahannamu
عربي الإنجليزية الأوردية
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratwiganiye ikaba ari na yo mvugakuri-Mudahinyuzwa aho ivuga : "ko iremwa ry'umwe wese muri mwebwe riba mu kwegeranya intanga mu gitereko ca nyina mu mirango mirongo ine n'amajoro mirongo ine
عربي الإنجليزية الأوردية
Ikintu cose kibaye kiba caragezwe, n'aho bwoba ari ububegito n'ubukerebutsi, kibure ubukerebutsi n'ububeguto
عربي الإنجليزية الأوردية
Iyo Imana Allah Igenye isango ry'ishirwa mu ngiro ry'urupfu rw'umuja ko rizomushikira ari ahantu hanaka, Iraheza Igatuma nya muja akenera ikintu gituma ajayo
عربي الإنجليزية الأوردية
ni jewe Dwamaamu mwene Tha'laba mwenewabo na Bene Sa'di mwene Bakri
عربي الإنجليزية الأوردية
igihe kimwe Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ikintu, aca avuga ati: "Ico kintu kizoba igihe ubumenyi buzoba bugira bukurweho
عربي الإنجليزية الأوردية
Ntimukemeze ibivugwa n'abahawe Igitabu kandi ntimukabibeshuze, muraheza muvuge muti: {Twaremeye Imana Imwe Rudende Allah, hamwe na Qor’ani Yatumanuriye ihishuriwe Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)}
عربي الإنجليزية الأوردية
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yahishuriwe ifise imyaka mirongo ine
عربي الإنجليزية الأوردية
Mbega burya Uwamushoboje kugendesha amaguru kw'isi, ntashoboye kuzomugendesha mu maso hiwe ku musi w'izuka!?
عربي الإنجليزية الأوردية
Vuga uti: "LAA ILAAHA ILLA LLAAH", nanje nzoheza ndakubere icabona ntuzohanwe ku musi w'izuka
عربي الإنجليزية الأوردية
Hari ibintu bine, uwurangwa na vyo aba ari indyarya igaragara, uwuranzwe na kimwe muri vyo, aba aranzwe na kimwe mu bintu biranga indyarya gushika igihe avavanuye na co: iyo agize ngo araganiriye, arabesha; n'iyo agize ngo ariyemeje ikintu, arahemuka ntagishitsa; n'iyo agize ngo aratanze isezerano ntaryubahiriza; n'iyo hagize uwo batase, arerura mu kumucokora
عربي الإنجليزية الأوردية