+ -

عَنْ أَبِي هُرَيْرَةَ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُ: أَنَّ رَسُولَ اللَّهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ قَالَ:
«لاَ تَقُومُ السَّاعَةُ حَتَّى تَطْلُعَ الشَّمْسُ مِنْ مَغْرِبِهَا، فَإِذَا طَلَعَتْ فَرَآهَا النَّاسُ آمَنُوا أَجْمَعُونَ، فَذَلِكَ حِينَ: {لاَ يَنْفَعُ نَفْسًا إِيمَانُهَا لَمْ تَكُنْ آمَنَتْ مِنْ قَبْلُ، أَوْ كَسَبَتْ فِي إِيمَانِهَا خَيْرًا} [الأنعام: 158] وَلَتَقُومَنَّ السَّاعَةُ وَقَدْ نَشَرَ الرَّجُلاَنِ ثَوْبَهُمَا بَيْنَهُمَا فَلاَ يَتَبَايَعَانِهِ، وَلاَ يَطْوِيَانِهِ، وَلَتَقُومَنَّ السَّاعَةُ وَقَدِ انْصَرَفَ الرَّجُلُ بِلَبَنِ لِقْحَتِهِ فَلاَ يَطْعَمُهُ، وَلَتَقُومَنَّ السَّاعَةُ وَهُوَ يَلِيطُ حَوْضَهُ فَلاَ يَسْقِي فِيهِ، وَلَتَقُومَنَّ السَّاعَةُ وَقَدْ رَفَعَ أَحَدُكُمْ أُكْلَتَهُ إِلَى فِيهِ فَلاَ يَطْعَمُهَا».

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري: 6506]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Umuhero w'isi, ntuzoshika izuba ritabanje guserukira mu burengero bwaryo; igihe rero ryaserukiyeyo abantu bose bazoca bemera; ico ni co gihe Imana Allah Ivugako Iti: {Ico gihe kigeze, ukwemera kw’umuntu atigeze yemera imbere y’ico gihe, nta co kuzomumarira. Aramutse yemeye naho, ibikorwa vyiza atigeze akora imbere y’ico gihe, nta co bizomumarira} [Al-An'aam: 158]; ni ukuri umuhero w'isi uzogera usange abagabo babiri bariko bacirirana igiciro c'impuzu, ntibazoheza ngo baheraheze ubuguzi hagati yabo, eka ntibazonaronka akanya ngo bazinge nya mpuzu; ni ukuri umuhero w'isi uzogera usange umuntu yagiye gukama ingamiya yiwe, ntazoheza ngo anywe amata yayo; ni ukuri umuhero w'isi uzogera usange umuntu ariko arasanura urugomero rwiwe, ntazoheza ngo arunyweko; ni ukuri umuhero w'isi uzogera usange umwe muri mwebwe agejeje utwo atamira ku munwa, ntazoheza ngo adufungure".

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري - 6506]

Explanation

Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaravuze ko mu bimenyetso bikurubikuru vy'umuhero w'isi, ari uko izuba rizoserukira mu burengero ha guserukira mu buseruko; n'uko igihe abantu babonye ivyo bishitse bazoca bemera bose, ico rero, ni co gihe ukwemera kw'uwahora ari umugararizamana imbere yuko bishika, ata co kuzomumarira; eka n'ibikorwa vyiza cibure ukwigaya ku vyaha bizokorwa mu nyuma yuko bishitse, ntibizokwemerwa. Hanyuma Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaravuze ko umuhero w'isi uzoshika giturumbuka; ku buryo uzogera usanga abantu bibereye mu mirimo yabo ya misiyose y'ubuzima; maze ushike usanga umuguzi n'umugurisha bamaze kwanda impuzu, ntibazoheza ngo baheraheze urudandazwa rwabo, eka ntibazonaronka n'akanya ngo bazinge nya mpuzu; umuhero w'isi uzoshika maze usange umuntu afise mu minwe amata akamye ku ngamiya yiwe, ntazoheza ngo ayanywe; umuhero w'isi uzoshika, usange umuntu ariko arasanura urugomero rwiwe, ntazoheza ngo anywe kuri nya rugomero; umuhero w'isi uzoshika, usange umuntu ashikanye utwo atamira ku munwa, ntazoheza ngo adufungure.

Benefits from the Hadith

  1. Ubwislamu n'ukwigaya ku vyaha, biremerwa igihe cose izuba rizoba ritaraserukira mu burengero bwaryo.
  2. Guhimiriza abantu kwitegurira umuhero w'isi, mu kwemera no gukora ibikorwa vyiza bitegetswe; kuko umuhero w'isi uzoshika giturumbuka.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations
More ...