+ -

عَنْ أَنَسٍ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُ، قَالَ: لَأُحَدِّثَنَّكُمْ حَدِيثًا سَمِعْتُهُ مِنْ رَسُولِ اللَّهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ لاَ يُحَدِّثُكُمْ بِهِ أَحَدٌ غَيْرِي: سَمِعْتُ رَسُولَ اللَّهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ يَقُولُ:
«إِنَّ مِنْ أَشْرَاطِ السَّاعَةِ أَنْ يُرْفَعَ العِلْمُ، وَيَكْثُرَ الجَهْلُ، وَيَكْثُرَ الزِّنَا، وَيَكْثُرَ شُرْبُ الخَمْرِ، وَيَقِلَّ الرِّجَالُ، وَيَكْثُرَ النِّسَاءُ حَتَّى يَكُونَ لِخَمْسِينَ امْرَأَةً القَيِّمُ الوَاحِدُ».

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري: 5231]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Anasi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Ni ukuri, ngira ndabiganire inyigisho numvise ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), nta n'uwundi n'umwe azoyibiganira atari jewe: Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti:
"Mu vy'ukuri, biri mu bimenyetso bizokwibonekeza vyerekana ko umuhero w'isi ugiye gushika: ubumenyi nya bumenyi buzogenda amazimayongo, ubujuju bwake indaro (buzogwirirana), ubusambanyi buzokwiragira, ukunywa inzoga kuzogwirirana, abagabo bazokeha, abagore na bo bazogwirirana kugeza y'aho abagore mirongo itanu bahagarikirwa n'umuhagarikizi umwe w'umugabo"".

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري - 5231]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye ko mu bimenyetso vyerekana ko umuhero w'isi ugiye kugera, ari uko ubumenyi bujanye n'amategeko y'ubwislamu buzovaho (buzorerurwa) mu gupfa kw'abamenyi babushitse, ivyo bikazotuma ubujuju bugwirirana mu bantu bwirare; icaha c'agahomerabunwa c'ubusambanyi kizosasirwa indava maze gikwiragire hose; ukunywa inzoga kuzogwirirana mu bantu; igitigiri c'abagabo kizogabanuka maze hagwire igitigiri c'abagore; gushika n'aho umugabo umwe ahagarikira abagore mirongo itanu mu kubabeshaho abaronsa ivyankenerwa mu buzima.

Benefits from the Hadith

  1. Kwerekana bimwe mu bimenyetso vyerekana ko umuhero w'isi uri mu kugera.
  2. Ukumenya isango nyezina ry'umuhero w'isi, kiri mu bintu binyegejwe ibiremwa, Imana Allah Yiharije.
  3. Ihimirizwa ry'ukurondera ubumenyi bw'idini imbere yuko bubura bukazimangana kw'isi.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations
More ...