عن أبي أيوب الأنصاري رضي الله عنه أن رسول الله صلى الله عليه وسلم قال:
«لَا يَحِلُّ لِرَجُلٍ أَنْ يَهْجُرَ أَخَاهُ فَوْقَ ثَلَاثِ لَيَالٍ، يَلْتَقِيَانِ، فَيُعْرِضُ هَذَا وَيُعْرِضُ هَذَا، وَخَيْرُهُمَا الَّذِي يَبْدَأُ بِالسَّلَامِ».
[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري: 6077]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Ayyuubu Al-Answaariy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Ntibirekuwe ko umuntu ahunga mwenewabo ikiringo kirenga imisi itatu, maze uyu yahura n'uyu akamwirengagiza, n'uriya yahura n'uyu akamwirengagiza, burya intore muri bo, ni urya yitanganiza mu kuramutsa amahoro mugenziwe".
[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري - 6077]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarabujije ko umwislamu ahunga mwenewabo mu kiringo kirenga imisi itatu, aho usanga bahura ntibaramukanye, ntibanavugane.
Intore rero muri aba babiri batase, ni urya arazwa ishinga n'ugukuraho ukwo guhungana, maze akitanganiza mu kuramutsa uwundi. Uguhunga uwundi kuvugwa ng'aha, ni kurya guterwa n'ivyo bapfa ku gatwe kabo, nayo uguhunga uwundi guterwa n'uguharanira agateka k'Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere; nko guhunga ibigaba birenga ku mabwirizwa y'Imana Allah, abadukana bishasha mw'idini hamwe n'abagenzi babi, uguhunga abantu nk'abo ntigufise ikiringo guhererako, ahubwo ikiringo c'ukugumaho canke guhera kw'uko guhunga, kuvana n'ukuba icabitumwe giheze canke kibandanya, maze ukwo guhunga kugahagarikwa n'uko icabitumye giheze.