En Ar


Umugambi w'ihurikiro ry'inyigisho n'imigenzo y'intumwa hamwe n'insiguro zavyo mu zindi ndimi:

Ni umugambi wikwije wo kurobanura inyigisho n'imigenzo y'intumwa zisubirwamwo kenshi mu nyigisho z'ubwislamu, no kuzisomanura insobanuro yoroshe kandi ikwiye, hanyuma zigasigurwa mu ndimi zikoreshwa na benshi kw'isi yose, hakoreshejwe ubuhinga buhanitwe, hakurikijwe n'amategeko atomoye kandi atunganye, hamwe rero no kushikiriza nya nyiginsho umusomyi ku buntu mu nzira zose zishoboka.

Amahagiro:

  1. Ugushiraho uburyo bukoreshwa kw'isi yose ku buntu, bwizewe kandi muteye imbere, burajwe ishinga no gusigura inyigisho n'imigenzo y'intumwa mu zindi ndimi.
  2. Ugutegekanya ububiko-ntasobwa ku muhora ngurukanabumenyi bubikwamwo inyigisho z'intumwa zisiguwe mu zindi ndimi, buzoheza bugakorerwako n'abasigura igihe baba bariko barasigura.
  3. Ugushikiriza insiguro z'inyigisho z'intumwa abakeneye kuzifashisha, hakoreshejwe inzira zose zishoboka.

Bimwe mu vyiza biranga iri hurikiro, ni uko::

  1. Rihurikiyemwo amoko menshi y'ubumenyi.
  2. Rikoreshwa ku buntu.
  3. Rihurikiyemwo insiguro mu ndimi zitandukanye.
  4. Ihinyanyurwa ribandanye.
  5. Itunganywa ryiza.

Rikurikiza intambwe ku yindi mu kuryubaka no guteza imbere impinyanyuro :

  1. Umushinge w'iyubakwa ryaryo, ni ururimi rw'Icarabu.
  2. Risiguwe mu ndimi zitandukanye.
  3. Rishikiriza rikwongera rigakwiragiza ibiri muri ryo ribicishije ku buhinga ngurukanabumenyi.
  4. Ihinyanyurwa ribandanya ry'iri hurikiro hamwe n'ibisigurirwa kuri ryo.