Category: Virtues and Manners .

عن خَولة الأنصاريةِ رضي الله عنها قالت: سمعت النبي صلى الله عليه وسلم يقول:
«إِنَّ رِجَالًا يَتَخَوَّضُونَ فِي مَالِ اللهِ بِغَيْرِ حَقٍّ، فَلَهُمُ النَّارُ يَوْمَ الْقِيَامَةِ».

[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري: 3118]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Khawla Al-Answaariyya (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narigeze kwumva Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) avuga ati:
"Mu vy'ukuri, abantu bakoresha nabi amatungo y'Imana Allah, maze bakayakoresha mu vyo atagenewe, baragenewe umuriro ku musi w'izuka ry'ibiremwa"".

[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري - 3118]

Explanation

Uvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yaratwiganiye ku vyerekeye abantu bakoresha nabi amatungo y'abislamu, maze bakayakoresha mu vyo atagenewe, bakanayihereza mu buryo batarekuriwe, ko bategekanirijwe umuriro. Iyi ni mu nsiguro rusangi ihurikiyemwo ikoreshwa nabi ry'amatungo, haba mu gihe co kuyegeranya no kuyatororokanya mu bizira, canke mu kuyakoresha mu bitarekuwe no ku batabirekuriwe, harimwo no kurya amatungo y'impfuvyi, amatungo yagenewe igikorwa nyezina "waq-fu", umuntu kwihakana imbitso yabikijwe "amaana" maze akayihagira, hamwe rero no kwihereza ivyo umuntu atarekuriwe mu matungo rusangi.
Mu nyuma Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yaratwiganiye ko impera y'abo bantu, ari ukwinjizwa mu muriro ku musi w'izuka ry'ibiremwa.

Benefits from the Hadith

  1. Amatungo ari mu minwe y'abantu, mu vy'ukuri ni amatungo y'Imana Allah Ibabikije, Iheza Ikayabakurakuranyako kugira bayakoreshe mu nzira no mu buryo bwemewe bushingiye ku mabwirizwa, baheze birinde no kuyakoresha mu nzira no mu buryo butarekuwe. Iyi ngingo rero, yega abantu bose uhereye ku ndongozi (zo hejuru) hari ivyo zaragijwe gushika ku bantu bose, umwe wese ku co yaragijwe n'Imana Allah.
  2. Ikoreshwa ry'umukazo ku vyereye amatungo rusangi, n'uko uwo wese hari ico yaragijwe gutunganiriza abantu, bitebe bitebuke ategerezwa kuzokibazwa ku musi w'izuka ry'ibiremwa, maze aharurirwe ukuntu yacegeranije n'ukuntu yagikoresheje.
  3. Ugusezeranirwa igihano ku bantu bakoresha nabi amatungo, harimwo n'ikoreshwa ry'amatungo mu bitarekuwe n'amabwirizwa y'ubwislamu, haba mu matungo y'umuntu bwite canke mu matungo y'uwundi.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Japanese Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية الأكانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية البامبارية البنجابية الماراثية الياو
View Translations