Hadith List

Nimwirinde gukora ibintu indwi bihonya bigatongora
عربي English Urdu
Jewe ndi Nyawikwije Azira ibangikanywa. Kubera ivyo, uwo wese agize ico akora akimbangikanijeko n'ikindi kintu, nca ndamurekera nya gikorwa nkamutererana n'ico yambangikanije
عربي English Urdu
Uwuzohura n'Imana Allah atigeze ayibangikanya n'ikintu na kimwe, azokwinjira mu Bwami bw'ijuru. Nayo uwuzohura na Yo yarayibangikanije, azokwinjira mu muriro udahera
عربي English Urdu
Uwonyemerera mu kwishinga ko acungera akanwa kiwe (mu kutagakoresha mu bizira), agacungera n'ibihimba vyiwe vy'irondoka (mu kudasambana), nokwemera kumwishingira ko azoja mu Bwami bw'ijuru
عربي English Urdu
Burya Ubwami bw'ijuru, buri hafi cane y'umwe muri mwebwe kurusha umugozi w'ikirato yambaye. Kukaba nkako, n'umuriro udahera, ni ukwo nyene
عربي English Urdu
Umuriro udahera wakikujwe n'ibikundwa n'abantu mu bisayangana vy'isi; Ubwami bw'ijuru na bwo bwakikujwe n'ibidakundwa n'abantu mu vy'isi
عربي English Urdu
Iyo abislamu babiri bakuye imipanga (canke inkota zabo) mu rwubati ngo barwane, maze umwe muri bo akica mugenziwe, uwishe n'uwishwe bose bazoja mu muriro
عربي English Urdu
Mu vy'ukuri, ni ukuri ibirekuwe birazwi mw'idini biranatomoye; kandi ni ukuri n'ibizira birazwi biranatomoye
عربي English Urdu
Mu vyukuri, Imana Allah ntiraba ingene musa n'uko muremye, eka ntinaraba amatungo yanyu, ariko Iraba ibiri mu mitima yanyu hamwe n'ibikorwa vyanyu vyiza mwakoze
عربي English Urdu
Mu vy'ukuri ibikorwa vyose bihabwa impembo hisunzwe amazirikana-gikorwa vyakoranwe, kandi burya mu vy'ukuri umwe wese arafise ku mushaha ico yazirikanye
عربي English Urdu
Mu vy'ukuri, abantu bakoresha nabi amatungo y'Imana Allah, maze bakayakoresha mu vyo atagenewe, baragenewe umuriro ku musi w'izuka ry'ibiremwa
عربي English Urdu
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarigeze kubazwa ku bintu kenshi na kenshi bizotuma abantu binjira mu Bwami bw'ijuru, ica yishura ivuga iti: "Igamburukiramana hamwe rero n'umuntu kurangwa n'ingeso nziza
عربي English Urdu
Nta n'umwe muri mwebwe yokwemera bikwiye atabanje kunkunda kuruta kurya akunda umuvyeyi wiwe, umwana wiwe, eka mbere kuruta kurya akunda abantu bose
عربي English Urdu
Ukwihumanura ni igice c'ukwemera; ishimagizwa ry'Imana Allah mu kuvuga uti: "AL-HAMDU LILLAAH" na ryo ryuzuza umunzane mu ndishi; ininahazamana hamwe n'ishimagizwa ry'Imana Allah mu kuvuga uti: "SUB-HAANA LLAAHI WAL-HAMDU LILLAAH" na vyo, vyuzuza ikirere kiri hagati y'isi n'amajuru mu ndishi
عربي English Urdu
Mbwira mu vyerekeye ubwislamu, ijambo ntazobaza uwundi muntu n'umwe atari wewe". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yishuye iti: "Vuga uti: "Naremeye Imana Allah", hanyuma ugororoke mu gutsimbatara kw'idini
عربي English Urdu
Igihe Imana Allah Yarema Ubwami bw'ijuru hamwe n'umuriro udahera, Yatumye umumalayika Jibrili (nyakugira amahoro y'Imana Allah)
عربي English Urdu
Iciza, ni umuntu kurangwa n'imigenzo myiza; igicumora na co, ni kirya giteye amadidane mu gikiriza cawe, ukanka n'uko abantu bomenya ko wagikoze
عربي English Urdu
Uraba kw'isi nk'aho woba uri umushitsi canke ingenzi iri ku rugendo
عربي English Urdu
Ewe mwene Adamu! Mu vy'ukuri wewe, igihe cose uzonsaba ukanyizera, Nzokugumiriza akabanga ku vyaha vyawe, maze ndabikubabarireko uko bizoba bingana kwose ata na kimwe Ninona
عربي English Urdu
Urupfu ruzozanwa mw'ishusho ry'intama inuze
عربي English Urdu
Umuriro wanyu mukoresha kw'isi, ni igice kimwe mu bice mirongo indwi vy'umuriro wa Jahannamu
عربي English Urdu
Ntimukige ubumenyi kugira mubukoreshe mu kwihaya ku bandi bamenyi, ntimukige ubumenyi kugira mubukoreshe mu guhaririza ibijuju
عربي English Urdu
Imana Allah Yaratanze akarorero k'inzira igororotse
عربي English Urdu
Niwabona rero abakurikira muri Qor'ani Aayah zifobetse gusa, uramenya ko ari bo Imana Allah Yavuze (muri iyi Aayah), muraheza rero mubiyubare
عربي English Urdu
Hari ibintu bine, uwurangwa na vyo aba ari indyarya igaragara, uwuranzwe na kimwe muri vyo, aba aranzwe na kimwe mu bintu biranga indyarya gushika igihe avavanuye na co: iyo agize ngo araganiriye, arabesha; n'iyo agize ngo ariyemeje ikintu, arahemuka ntagishitsa; n'iyo agize ngo aratanze isezerano ntaryubahiriza; n'iyo hagize uwo batase, arerura mu kumucokora
عربي English Urdu
Nimwirinde umwanda w'iki caha (c'ubusambanyi) Imana Allah Yabujije ko gikorwa. Uwo wese rero azokigwamwo, arakigira ibanga mu gihe Imana Allah Yamugumirije akabanga ntimugaragaze, aheze yibwirize kwigaya ku Mana Allah; kuko mu vy'ukuri, uwuzotugaragariza ibiri mu gitabu ciwe c'ivyaha, tuzomuhanisha ingingo mpanavyaha ziri mu Gitabu c'Imana Allah Nyenintsinzi, Nyenicubahiro
عربي English Urdu
Ntimugasharikane, ntimukaduganirizeko ibiciro mu guta mu rudubi abaguzi, ntimukankane urunuka, ntimugahane umugongo mu guca ubuvandimwe n'ubucuti, ntihakagire muri mwebwe abagurishiriza ikidandazwa ku kindi camaze kugurishwa na bamwe muri mwebwe, muraheza rero mube abaja b'Imana Allah b'abavukanyi
عربي English Urdu