عَنْ أَبِي العَبَّاسِ سَهْلِ بْنِ سَعِدٍ السَّاعِدِيِّ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُ قَالَ: جَاءَ رَجُلٌ إِلَى النَّبِيِّ صَلَّى اللَّهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ، فَقَالَ: يَا رَسُولَ اللَّهِ، دُلَّنِي عَلَى عَمَلٍ إِذَا عَمِلْتُهُ أَحَبَّنِي اللَّهُ وَأَحَبَّنِي النَّاسُ، فَقَالَ:
«ازْهَدْ فِي الدُّنْيَا يُحِبُّكَ اللَّهُ، وَازْهَدْ فِيمَا عِنْدَ النَّاسِ يُحِبُّكَ النَّاسُ».

[قال النووي: حديث حسن] - [رواه ابن ماجه وغيره بأسانيد حسنة] - [الأربعون النووية: 31]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Abu Al'Abasi Sahli mwene Sa'di Al-Saa'idiy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko higeze kuza umugabo umwe ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca amubwira ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Nyereka ikintu mu gihe nogikora, Imana Allah Yoca Inkunda hanyuma n'abantu bakankunda". Aca yishura ati:
"Irengagize ivy'isi mu kutabihurumbira, Imana Allah Izogukunda; uheze wirengagize n'ibiri mu minwe y'abantu mu kutabihahamukira, abantu na bo bazoheza bagukunde"".

[قال النووي: حديث حسن] - [رواه ابن ماجه وغيره بأسانيد حسنة] - [الأربعون النووية - 31]

Explanation

Hari umugabo yigeze kubaza Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ko yomwereka ikintu mu gihe yogikora, Imana Allah yoca Imukunda, maze n'abantu bagaheza bakamukunda, (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca amwishura ati: Imana Allah Izogukunda igihe wirengagije ivy'isi mu kutarondera ivy'umusesekara, ibintu ata co bizokumarira mu buzima bw'inyuma yo gupfa, hamwe rero no kureka birya vyose vyokubangamira mw'idini ryawe, n'abantu nyene bazogukunda igihe wirengagije ibiri mu minwe yabo mu vy'isi; kuko muri kamere kabo badakunda uwuhahamukira ivyo bafise, ku buryo uwubibateyeko baca bamwanka urunuka, uwubibarekeye na we baraheza bakamukunda.

Benefits from the Hadith

  1. Ivyiza vyo kwirengagiza ivy'isi, bisigura ko umuntu areka guhurumbira ibintu ata co bizomumarira mu buzima bw'inyuma yo gupfa.
  2. Ukwirengagiza ivy'isi "zuhdi", ni inyifato yo ku rugero rwo hejuru cane mu kurangwa n'urupfasoni rwo kudahahamukira ivy'isi "wara'u"; kuko ijambo "wara'u" risigura umuntu kureka birya vyose vyohava bimubangamira; mu gihe ijambo "zuhdi" risigura umuntu kureka guhurumbira ibintu ata co bizomumarira mu buzima bw'inyuma yo gupfa.
  3. Al-Sindiy yavuze ati: "Mu vy'ukuri, ivy'isi birakundwa cane n'abantu, umuntu rero abibateyeko aca acika umwansi wabo ku rugero rungana n'urwo yabateyeko muri vyo. Nayo uwubibarekeye, acika umukunzi wabo ku rugero rungana n'urwo yabarekeye mu vy'isi".
View Translations
Language: English Urdu Spanish More ... (54)