عن أبي هريرة رضي الله عنه أن رسول الله صلى الله عليه وسلم كان يقول:
«الصَّلَوَاتُ الْخَمْسُ، وَالْجُمُعَةُ إِلَى الْجُمُعَةِ، وَرَمَضَانُ إِلَى رَمَضَانَ، مُكَفِّرَاتٌ مَا بَيْنَهُنَّ إِذَا اجْتَنَبَ الْكَبَائِرَ».
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم: 233]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'imana Allah) yahora ivuga iti:
"Amasengesho atanu asengwa ku musi ku musi, isengesho ry'ijuma gushika ku rindi ryo mu ndwi ikurikira, ipfunga rya Ramadhani gushika ku rindi ryo mu mwaka ukurikira; ivyo vyose biba icuhagizo c'ibicumuro bikorwa hagati ya kimwe n'ikindi, iyo umuntu yirinze kugwa mu vyaha rutura".
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم - 233]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) arigana mu kwerekana ko amasengesho atanu ategetswe gusengwa ku musi ijoro n'umurango, isengesho ry'ijuma risengwa ku ndwi ku ndwi, ugupfunga Ramadhani ku mwaka ku mwaka, kimwe cose muri ivyo kiba icuhagizo gihanagura ivyaha bitobito (hamwe n'ibicumuro) bikorwa mu kiringo kiri hagati yavyo, iyo umuntu yirinze gukora ivyaha rutura. Nayo rero ivyaha rutura; nko gusambana no kunywa inzoga, ntibibabarirwa umuntu atabanje kwigaya akabisabira imbabazi.