عن عبد الله بن عمرو رضي الله عنهما أن النبي صلى الله عليه وسلم قال:
«بَلِّغُوا عَنِّي وَلَوْ آيَةً، وَحَدِّثُوا عَنْ بَنِي إِسْرَائِيلَ وَلَا حَرَجَ، وَمَنْ كَذَبَ عَلَيَّ مُتَعَمِّدًا فَلْيَتَبَوَّأْ مَقْعَدَهُ مِنَ النَّارِ».
[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري: 3461]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abdullaahi mwene Amri (Imana Allah Imwishimire bompi we na se), yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'imana Allah) yavuze ati:
"Murashikiriza ivyo mwanyabuyeko (mwanyakiriyeko), n'aho yoba ari Aayah imwe gusa. Nta kabi ko mwiganira abantu inyigisho zakiriwe kuri Bene Israyeli mu gihe zidateye kubiri n'ivyo nigishije. Uwo wese rero, azombeshera nkana mu gushikiriza inyigisho y'irementanya ntigeze nigisha araheza rero yitegurire icicaro c'ibihano mu muriro udahera".
[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري - 3461]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ategeka ko hashikirizwa ubumenyi bushingiye ku nyigisho n'imigenzo yiwe canke ku Gitabu ca Qor'ani, n'aho nya bumenyi bwoba buto nko gushikiriza Aayah imwe muri Qor'ani canke inyigisho imwe y'intumwa, ariko hagasabwa ko uwushikiriza nya bumenyi aba ari umumenyi koko azi ukuri ku vyo ashikiriza no ku vyo ararikira abantu ko bubahiriza. Aranerekana neza na neza (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ko ata kabi kari mu kwiganira abantu inyigisho zakiriwe ku vyabashikiye Bene Israyeli, mu gihe nya nyigisho zidaciye kubiri n'amabwirizwa yacu. Hanyuma aheraheza yihanikiriza ko hatogira uwumubeshera mu gushikiriza inyigisho y'irementanya atigeze yigisha; kuko uwumurementanirije mu gushikiriza nkana ivyo atigishije; uworamuka abikoze, araheza yitegurire ikibanza azoshikiramwo mu muriro udahera.