Hadith List

Iyo umuntu arwaye canke ari ku rugendo, yandikirwa indishi nk'ivyo yahora akora ari mu rwiwe, akomeye
عربي English Urdu
Murashikiriza ivyo mwanyabuyeko (mwanyakiriyeko), n'aho yoba ari Aayah imwe gusa. Nta kabi ko mwiganira abantu inyigisho zakiriwe kuri Bene Israyeli mu gihe zidateye kubiri n'ivyo nigishije. Uwo wese rero, azombeshera nkana mu gushikiriza inyigisho y'irementanya ntigeze nigisha araheza rero yitegurire icicaro c'ibihano mu muriro udahera
عربي English Urdu
Burya idini ry'ubwislamu rishingiye ku guhanurana (ritsimbatazwa mu guhanurana)
عربي English Urdu
Uwuzobona muri mwebwe ikibi gisasiwe indava, araheza akibuze akoresheje inguvu z'iminwe yiwe; nibitamushobokera ku nguvu z'iminwe, araheza akoreshe ururimi maze yamame; nibitamushobokera gukoresha ururimi, araca yanka yankirize nya kibi ku mushaha wiwe, ukwo kucanka ku mushaha rero, ni kwo kwemera kugoyagoya
عربي English Urdu
Nimutsimbatare kw'igamburukiramana, ukwumva n'ukwumvira indongozi, n'aho indongozi ibarongoye yoba ari umuja w'umwirabure aturuka muri Egiputa; burya mu nyuma zanje muzobona ukudahuza mu guhazana kenshi mu vyiyumviro, nivyabashikira rero muraheza muce mwisunga inyigisho n'imigenzo yanje, hamwe rero n'imigenzo y'ingendanyi zanje z'abagororotsi zigendera ukuri
عربي English Urdu
Agahimba kose mu bihimba vy'umubiri w'umuntu, karafise imperezwa kotanga maze umuntu akayihemberwa
عربي English Urdu
ni jewe Dwamaamu mwene Tha'laba mwenewabo na Bene Sa'di mwene Bakri
عربي English Urdu