+ -

عن أَنَسَ بْنَ مَالِكٍ رضي الله عنه قال:
بينما نحن جلوس مع النبي صلى الله عليه وسلم في المسجد دخل رجل على جمل، فأناخه في المسجد ثم عقله، ثم قال لهم: أيكم محمد؟ والنبي صلى الله عليه وسلم متكئ بين ظهرانيهم، فقلنا: هذا الرجل الأبيض المتكئ. فقال له الرجل: يا ابن عبد المطلب فقال له النبي صلى الله عليه وسلم: «قد أجبتك». فقال الرجل للنبي صلى الله عليه وسلم: إني سائلك فمشدد عليك في المسألة، فلا تجد علي في نفسك؟ فقال: «سل عما بدا لك» فقال: أسألك بربك ورب من قبلك، آلله أرسلك إلى الناس كلهم؟ فقال: «اللهم نعم». قال: أنشدك بالله، آلله أمرك أن نصلي الصلوات الخمس في اليوم والليلة؟ قال: «اللهم نعم». قال: أنشدك بالله، آلله أمرك أن نصوم هذا الشهر من السنة؟ قال: «اللهم نعم». قال: أنشدك بالله، آلله أمرك أن تأخذ هذه الصدقة من أغنيائنا فتقسمها على فقرائنا؟ فقال النبي صلى الله عليه وسلم: «اللهم نعم». فقال الرجل: آمنت بما جئت به، وأنا رسول من ورائي من قومي، وأنا ضمام بن ثعلبة أخو بني سعد بن بكر.

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري: 63]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Anasi mwene Maliki (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati:
"Igihe kimwe twari twicaranye n'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu musigiti, haca hinjira umuntu umwe yari ku ngamiya, araheza ayipfukamika mu musigiti hanyuma ayizirikira aho, mu nyuma aca abaza abari ng'aho ati: "Ni nde Muhamadi muri mwebwe?". Muri ico gihe Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yari yicaye muri twebwe, duca tuvuga duti: "Ni uyu mugabo yera yicaye ku mavi". Nya muntu aca amubwira ati: "Ewe Mwene Abdu Al-Muttwalibu!", Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: "Ni ukuri ndakwumva kandi baza ndakwishura". Wa mugabo aca abaza Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ati: "Mu vy'ukuri, jewe ndakubaza, kandi ndakubaza ibibazo bigoye, ntuhave rero ungirira akarigangamuhogo!". Na we amwisura ati: "Baza ku vyo wiyumvira", wa mugabo aca abaza ati: "Ndakwinginze unkundire ndakubaze kw'izina ry'Imana yawe Rurema, Ikaba n'Imana Rurema y'abo hambere yawe, burya none Allah ni We Yakurungitse ku bantu bose?". Na we aca yishura ati: "Allah ni We Cabona, ego cane ni We Yandungitse". Wa mugabo arongera avuga ati: "Ndakwinginze ko wonyishura kw'izina rya Allah, burya Allah ni We Yagutegetse ko dusenga amasengesho atanu ku murango no mw'ijoro?", na we aca amwishura ati: "Allah ni We Cabona, ego cane ni We Yabintegetse!". Uri uwundi aca asubizayo ati: ""Ndakwinginze ko wonyishura kw'izina rya Allah, burya Allah ni We Yagutegetse ko dupfunga uku kwezi kwa Ramadhani mu mwaka?". Na we aca aramwishura ati: "Allah ni We Cabona, ego cane ni We Yabintegetse!". Nya mugabo arongera avuga ati: "Ndakwinginze ko wonyishura kw'izina rya Allah, burya Allah ni We Yagutegetse gutora ishikanwa-bwirizwa, waka abatunzi muri twebwe ukarihereza abakene muri twebwe?". Na we aca aramwishura ati: "Imana Allah ni We Cabona, ego cane ni We Yabintegetse!". Wa mugabo aca avuga yemanga ati: "Ndemeye rero ivyo warungikanywe vyose, kandi burya ndi intumwa y'abo naserukiye bari inyuma yanje mu bantu banje, ni jewe Dwamaamu mwene Tha'laba mwenewabo na Bene Sa'di mwene Bakri"".

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري - 63]

Explanation

Anasi mwene Maliki (Imana Allah Imwishimire) aratwiganira ko igihe kimwe ingendanyi zari zicaranye n'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu musigiti, haca hinjira umugabo umwe ari ku ngamiya, aca apfukamika nya ngamiya mu musigiti, maze arayizirika, hanyuma aca abaza abari ng'aho ati: Ni nde Muhamadi muri mwebwe? Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) akaba yari yicaye mu bari ng'aho, duca twishura duti: Ni uyu mugabo yera yicaye ku mavi ari mu bandi; maze nya mugabo aca aramuhamagara ati: Ewe Mwene Abdu Al-Muttwalib! Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca aramwishura ati: Namaze kukwumva, baza rero ndakwishure. Maze nya mugabo aca abwira Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ati: Ni ukuri ngira ndakubaze, kandi ndakubaza ibibazo bigoye, ntuhave rero ungirira akarigangamuhogo ku vyo ndakubajije. bisigura : ntunshavurire kandi ntuhigimange (ntunyinube). Na we aca aramuhumuriza ati: Baza ku vyo ushaka vyose ndakwishura; wa mugabo aca abaza avuga ati: Ndagusavye ko wonyishura kw'izina ry'Imana yawe Rurema Ikaba n'Imana Rurema y'ab'aho hambere yawe, mbega none burya Imana Allah ni Yo Yakurungitse kuba Intumwa ku bantu bose? Na we aca aramwishura ati: Imana Allah ni Yo Cabona, ego cane ni Yo Yandungitse! Yishuye muri ubwo buryo mu gushimangira ukuri kw'iyo nyishu. Nya mugabo aca arabaza kandi avuga ati: Ndakwinginze ko wonyishura kw'izina ry'Imana Allah, burya none Imana Allah ni Yo Yagutegetse ko dusenga amasengesho atanu ku musi (ku murango no mw'ijoro), akaba yabajije ng'aha ku vyerekeye amasengesho-bwirizwa. Na we aca aramwishura ati: Imana Allah ni Yo Cabona, ego cane ni Yo Yabintegetse! Wa mugabo aca arasubira kubaza avuga ati: Ndakwinginze ko wonyishura kw'izina ry'Imana Allah, burya Imana Allah ni Yo Yagutegetse ko dupfunga uku kwezi kwa Ramadhani mu mwaka? Na we aca araheza amwishura ati: Imana Allah ni Yo Cabona, ego cane ni Yo Yabintegetse! Wa mugabo aca arabaza kandi avuga ati: Ndakwinginze ko wonyishura kw'izina ry'Imana Allah, burya Imana Allah ni Yo Yagutegetse gutora iri shikanwa-bwirizwa (zakati) waka abatunzi muri twebwe ukarihereza akabene muri twebwe? Umuvugishwamana na we araheza amwishura ati: Imana Allah ni Yo Cabona, ego cane ni Yo Yabintegetse! Dwamaamu yaciye yinjira mu bwislamu, araheza abwira Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ko na we nyene azoca ararikira abantu biwe kwinjira mu bwislamu. Yahavuye rero yidondora kw'izina ko ari Dwamaamu mwene Tha'laba akomoka muri Bene Sa'di mwene Bakri.

Benefits from the Hadith

  1. Kwicisha bugufi kw'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah); ku buryo uyo mugabo atashoboye kumutandukanya n'ingendanyi ziwe.
  2. Kurangwa kw'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) n'ingeso n'imigenzo vyiza, n'impuhwe zamuranga mu kwishura uwubajije, bikaba vyerekana ko ukwishura neza ari imwe mu mvo zituma irarikiramana ryakirwa neza.
  3. Birarekuwe kumenyekanisha umuntu mu kuvuga ko yera kibure atukura; ko ari muremure kibure mugufi, n'ibindi nk'ivyo atari mu ntumbero yo kunegura, mu gihe uwumenyekanishwa atavyanse.
  4. Birarekuwe ku mugarariji ko yinjira mu musigiti, iyo bikenewe (bibaye ngombwa).
  5. Uwabajije muri iyi nyigisho y'intumwa, ntiyigeze abaza ku vyerekeye ishengerera ry'ingoro ntagatifu; kuko bishoboka muri ico gihe ko ibwirizwa ry'ishengerera ritari bwashingwe.
  6. Ukwitwararika kw'ingendanyi irarikiramana mu ntumbero yo gusasagaza ubwislamu; kuko uyo mugabo yapfuye kwinjira mu bwislamu gusa, aca yitwararika kurarikira abantu biwe ko babwinjira.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations
More ...