Hadith List

Uwushengereye ingoro ntagatifu ku bw'Imana Allah, maze ntarangwe n'ubushizi bw'isoni, ntarangwe kandi n'ingeso mbi, agaruka yejejwe ivyaha nk'umusi avyarwa na nyina ata caha afise
عربي English Urdu
Ewe Mana yanje Nzima! Ntuzogire imva yanje kuba ahantu hasengerwa ibigirwamana
عربي English Urdu
Ugusugutura gusukura mu kanwa, kugashimisha Imana Rurema Allah
عربي English Urdu
Amasengesho atanu asengwa ku musi ku musi, isengesho ry'ijuma gushika ku rindi ryo mu ndwi ikurikira, ipfunga rya Ramadhani gushika ku rindi ryo mu mwaka ukurikira; ivyo vyose biba icuhagizo c'ibicumuro bikorwa hagati ya kimwe n'ikindi, iyo umuntu yirinze kugwa mu vyaha rutura
عربي English Urdu
Ubwislamu bwubakiye ku nkingi zitanu
عربي English Urdu
Ubona gute mu gihe nosenga amasengesho-bwirizwa, nkapfunga ukwezi kwa Ramadhani, nkubahiriza amabwirizwa y'ibirekuwe nkabikora, nkubahiriza n'amabwirizwa y'ibizira nkavyirinda
عربي English Urdu
Ukwihumanura ni igice c'ukwemera; ishimagizwa ry'Imana Allah mu kuvuga uti: "AL-HAMDU LILLAAH" na ryo ryuzuza umunzane mu ndishi; ininahazamana hamwe n'ishimagizwa ry'Imana Allah mu kuvuga uti: "SUB-HAANA LLAAHI WAL-HAMDU LILLAAH" na vyo, vyuzuza ikirere kiri hagati y'isi n'amajuru mu ndishi
عربي English Urdu
Ibikorwa umuntu akora biri mu mice itandatu, n'abantu nyene bari mu mice ine. Mu bikorwa, harimwo ibitegerezwa-ntahara bibiri; ingere ku yindi; iciza gihemberwa ivyiza cumi; hamwe ero n'iciza gihemberwa ivyiza amajana indwi
عربي English Urdu
Iyo Imana Allah Igenye isango ry'ishirwa mu ngiro ry'urupfu rw'umuja ko rizomushikira ari ahantu hanaka, Iraheza Igatuma nya muja akenera ikintu gituma ajayo
عربي English Urdu
ni jewe Dwamaamu mwene Tha'laba mwenewabo na Bene Sa'di mwene Bakri
عربي English Urdu