عَنْ أَبِي عَبْدِ الرَّحْمَنِ عَبْدِ اللَّهِ بْنِ عُمَرَ بْنِ الخَطَّابِ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُ قَالَ: سَمِعْتُ رَسُولَ اللَّهِ صَلَّى اللَّهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ يَقُولُ:
«بُنِيَ الإِسْلَامُ عَلَى خَمْسٍ: شَهَادَةِ أَنْ لَا إلَهَ إلَّا اللَّهُ وَأَنَّ مُحَمَّدًا عَبْدُهُ وَرَسُولُهُ، وَإِقَامِ الصَّلَاةِ، وَإِيتَاءِ الزَّكَاةِ، وَحَجِّ الْبَيْتِ، وَصَوْمِ رَمَضَانَ».
[صحيح] - [رواه البخاري ومسلم] - [الأربعون النووية: 3]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Adbu Al-Rahmani mwene Abdillaahi mwene Omari mwene Al-Khttwaabi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti:
"Ubwislamu bwubakiye ku nkingi zitanu: Ukwemera n'ukwemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Imwe Rudende Allah, n'uko Muhamadi ari Umuja wayo akaba n'Intumwa yayo; ugutsimbataza isengesho; ugutanga ishikanwa-bwirizwa; ugushengerera ingoro ntagatifu y'Imana Allah iri i Makka; hamwe rero n'ugupfunga ukwezi kwa Ramadhani".
[صحيح] - [رواه البخاري ومسلم] - [الأربعون النووية - 3]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yagereranije ubwislamu n'inyubakwa yubatse neza, mu kuba bwubakiye ku nkingi zitanu nka zirya zireruye inyubakwa, ayandi mabwirizwa y'ubwislamu akaba ari nka kurya kw'insika n'ibindi bisikuye inyubakwa maze igatungana. Iya mbere muri izo nkingi, ni umuntu kwemera yemanga ibintu bibiri: ukwemera yemanga ko ata mana ikwiye gusengwa atari Imana Imwe Rudende Allah, n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana Allah. Ivyo bintu uko ari bibiri rero, bigize inkingi imwe ku buryo kimwe muri vyo kidatandukana n'ikindi, umuntu rero araheza akavyatura n'ururimi yemanga ko Imana Allah ari Imwe mu bumana bwayo, n'uko ari Yo Ikwiye gusengwa n'ukwiyegerezwa vy'ukuri muri vyose, mu bikorwa vyose nyegerezamana umuntu akora atari ku bw'ikindi kintu na kimwe, maze akabigendera, agaheza kandi akemera yemanga n'ubutumwa bwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ko ari ubw'ukuri, akanakurikira n'inyigisho n'imigenzo vyiwe. Inkingi igira kabiri, ni ugutsimbataza isengesho, na ryo rikaba rigizwe n'amasengesho atanu abwirijwe gusengwa ku musi (ijoro n'umurango): isengesho ryo mu mutwenzi, iryo ku musase, iryo ku muhingamo, iryo ku kirengazuba, hamwe rero n'iryo ku kazange (ku mugoroba), maze umuntu akayasenga yubahirije ibisabwa, inkingi n'ibitegetswe mw'isengesho. Inkingi igira gatatu, ni ugutanga ishikanwa-bwirizwa, na ryo rikaba ari igikorwa nyegerezamana gitegetswe mu bijanye n'amatungo akwije igitigiri-fatiro gitegekanijwe mu mategeko y'ubwislamu, rihabwa abarigenewe. Inkingi igira kane, ni ugushengerera ingoro ntagatifu, na kwo kukaba ari umuntu kugenda agana i Makka mu ntumbero yo gutunganya ibikorwa vy'ishengerera ry'ingoro ntagatifu ku bw'Imana Allah. Inkingi igira gatanu, ni ugupfunga ukwezi kwa Ramadhani, na kwo kukaba ari umuntu kureka kurya no kunywa n'ibindi bitari ivyo bibujijwe mu bituma umuntu afungura, maze agapfunga kw'izirikanagikorwa ry'ukwiyegereza Imana Allah, kuva umutwenzi ukitse gushika izuba rirenze rigacokera.