عَنْ أَبِي هُرَيْرَةَ رضي الله عنه قال:
جَاءَ نَاسٌ مِنْ أَصْحَابِ النَّبِيِّ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ، فَسَأَلُوهُ: إِنَّا نَجِدُ فِي أَنْفُسِنَا مَا يَتَعَاظَمُ أَحَدُنَا أَنْ يَتَكَلَّمَ بِهِ، قَالَ: «وَقَدْ وَجَدْتُمُوهُ؟» قَالُوا: نَعَمْ، قَالَ: «ذَاكَ صَرِيحُ الْإِيمَانِ».
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم: 132]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko
higeze kuza abantu mu ngendanyi z'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) baca bamubaza bati: "Mu vy'ukuri twebwe twiyumvamwo ibintu bihambaye mu bubi, ku buryo umwe muri twebwe bimuremera kuba yobivuga, Umuvugishwamana aca ababaza ati: "Ni ivy'ukuri ko mwiyumvamwo ivyo bintu bihambaye?", na bo baca bishura bati: "Ego cane! Turavyiyumvamwo.", aca ababwira ati: "Ukwo kutubahuka kubivuga rero, ni kwo kwemera gutomoye".
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم - 132]
Hari umugwi w'abantu mu ngendanyi z'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) waje maze uramubaza ku bintu bibi bihambaye wiyumvamwo ata n'uwokwubahuka kubivuga ku bubi bwavyo n'ukuba ata n'uwokwihanganira kuvyumva, maze Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: Burya ivyo bintu bibi mwiyumvamwo bikabaremera kubivuga, vyerekana ukwemera nya kwemera hamwe n'ukwizera mufise, bigatuma mwamirira kure inyoshambi shetani ibatera mu mitima yanyu, maze mukanka no kwubahuka kubivuga kuko imishaha yanyu yatahuye ububi bwavyo, gutyo bigatuma shetani inanirwa gushikira imitima yanyu ngo iyihubishe, kuri ico rero, mukaba mutandukanye n'urya muntu shetani ishikira umutima wiwe, maze ikamuhubisha kuko atashoboye kuyirwanya mu kwanka ivyo imwosha.