عن ابن عباس رضي الله عنهما قال:
جاءَ رجُلُ إلى النبي صلى الله عليه وسلم فقال: يا رسولَ اللهِ، إن أحدنا يجدُ في نفسِهِ -يُعرِّضُ بالشَّيءِ- لأَن يكونَ حُمَمَةً أحَبُّ إليه من أن يتكلَّم بِهِ، فقال: «اللهُ أكبرُ، اللهُ أكبرُ، الحمدُ لله الذي ردَّ كيدَه إلى الوسوسَةِ».
[صحيح] - [رواه أبو داود والنسائي في الكبرى] - [سنن أبي داود: 5112]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Mwene Abasi (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko
Higeze kuza umuntu umwe ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mu vy'ukuri umwe muri twebwe, hari igihe yiyumvamwo ikintu kibi, ku buryo ha kukivuga yopfuma ahinduka umunyota". Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: "Imana Allah ni Yo Nkuru, Nikuzwe; Imana Allah ni Yo Nkuru, Nikuzwe, Nihashimagizwe Imana Allah, Yo Yahagaritse urwenge rw'ihubisha rya shetani, rugaherera mu kuba inyoshambi gusa".
[صحيح] - [رواه أبو داود والنسائي في الكبرى] - [سنن أبي داود - 5112]
Harigeze kuza umuntu umwe ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: Ntumwa y'Imana! Mu vy'ukuri umwe muri twebwe, hari igihe bimushikira akiyumvamwo ikintu kibi ariko bikamuremera kukivuga kubera ububi bwaco, ku buryo yumva ha kukivuga yopfuma acika umunyota; Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye ivuga ijambo ry'ikuzamana incuro zibiri, ica iranashimira Imana Allah ku kuba Yahagaritse urwenge rw'ihubisha rya shetani, riraheza riguma ari inyoshambi gusa.