عن ابن عباس رضي الله عنهما قال:
جاءَ رجُلُ إلى النبي صلى الله عليه وسلم فقال: يا رسولَ اللهِ، إن أحدنا يجدُ في نفسِهِ -يُعرِّضُ بالشَّيءِ- لأَن يكونَ حُمَمَةً أحَبُّ إليه من أن يتكلَّم بِهِ، فقال: «اللهُ أكبرُ، اللهُ أكبرُ، الحمدُ لله الذي ردَّ كيدَه إلى الوسوسَةِ».

[صحيح] - [رواه أبو داود والنسائي في الكبرى] - [سنن أبي داود: 5112]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Mwene Abasi (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko
Higeze kuza umuntu umwe ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mu vy'ukuri umwe muri twebwe, hari igihe yiyumvamwo ikintu kibi, ku buryo ha kukivuga yopfuma ahinduka umunyota". Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: "Imana Allah ni Yo Nkuru, Nikuzwe; Imana Allah ni Yo Nkuru, Nikuzwe, Nihashimagizwe Imana Allah, Yo Yahagaritse urwenge rw'ihubisha rya shetani, rugaherera mu kuba inyoshambi gusa".

[صحيح] - [رواه أبو داود والنسائي في الكبرى] - [سنن أبي داود - 5112]

Explanation

Harigeze kuza umuntu umwe ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: Ntumwa y'Imana! Mu vy'ukuri umwe muri twebwe, hari igihe bimushikira akiyumvamwo ikintu kibi ariko bikamuremera kukivuga kubera ububi bwaco, ku buryo yumva ha kukivuga yopfuma acika umunyota; Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye ivuga ijambo ry'ikuzamana incuro zibiri, ica iranashimira Imana Allah ku kuba Yahagaritse urwenge rw'ihubisha rya shetani, riraheza riguma ari inyoshambi gusa.

Benefits from the Hadith

  1. Kwerekana ko shetani itegesha abemeramana inyoshambi zayo; kugira ibakure mu kwemera ibashire mw'igararizamana.
  2. Kwerekana ingoga nke shetani ifise imbere y'abarangwa n'ukwemera, ku buryo ata co ibashoboyeko kiretse kubatera inyoshambi gusa.
  3. Birakenewe ko umwemeramana yirengagiza inyoshambi za shetani, maze akazirwanya.
  4. Birarekuwe kuvuga ijambo ry'ikuzamana igihe habaye ikintu ciza, canke igihe utamariwe mu gutangarira nya kintu ciza, canke ibindi bisa n'ivyo.
  5. Birarekuwe ko umwislamu abaza umumenyi kuri kirya cose kimubakiye, kimugoye.
View Translations
Language: English Urdu Spanish More ... (66)
More ...