عَن أَبِي هُرَيْرَةَ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُ: قَالَ رَسُولُ اللَّهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ:
«يَأْتِي الشَّيْطَانُ أَحَدَكُمْ فَيَقُولُ: مَنْ خَلَقَ كَذَا؟ مَنْ خَلَقَ كَذَا؟ حَتَّى يَقُولَ: مَنْ خَلَقَ رَبَّكَ؟ فَإِذَا بَلَغَهُ فَلْيَسْتَعِذْ بِاللهِ وَلْيَنْتَهِ».
[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري: 3276]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Burya shetani iraza kuri umwe muri mwebwe ikamubwira iti: "Ni nde yaremye iki? Ni nde yaremye kirya?", gushika n'aho ivuga iti: "Ni nde yaremye Imana yawe Rurema?". Nivyashika rero aho ivuga ukwo, umuntu araca yikinga ku Mana Allah kugira Imukingire ingaruka y'inyoshambi zayo, maze ace areka gushishikara kuvyiyumvira".
[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري - 3276]
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) iravuga ku co umwemeramana yokora igihe shetani imwoheje biciye mu kuguma yibaza ibibazo, maze shetani ikavuga mu kumwosha ibaza iti: Ni nde yaremye iki? Ni nde yaremye kirya? Ni nde yaremye ijuru? Ni nde yaremye isi? aho umwemeramana aheza akishura yisunze idini ryiwe n'ukwemera-ndemanwa kwiwe, yisunze kandi ico ubwenge nya bwenge buvuga, ati: ni Allah. Ariko rero shetani, ntigarukiriza ng'aho mu kumutera amakenga n'inyoshambi, ahubwo iguma ishishikara kubaza gushika n'aho ivuga ibaza iti: Ni nde yaremye Imana yawe Rurema?, ico gihe rero, umwemeramana araheza akarwanya izo nyoshambi mu kuzikuramwo akoresheje ibintu bitatu:
Ukwemera Imana Allah.
Ukwikinga ku Mana Allah kugira Imukingire ingaruka mbi z'inyoshambi za shetani.
Ukureka gushishikara yiyumvira ibijanye n'izo nyoshambi.