عَن أَبِي هُرَيْرَةَ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُ: قَالَ رَسُولُ اللَّهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ:
«يَأْتِي الشَّيْطَانُ أَحَدَكُمْ فَيَقُولُ: مَنْ خَلَقَ كَذَا؟ مَنْ خَلَقَ كَذَا؟ حَتَّى يَقُولَ: مَنْ خَلَقَ رَبَّكَ؟ فَإِذَا بَلَغَهُ فَلْيَسْتَعِذْ بِاللهِ وَلْيَنْتَهِ».

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري: 3276]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Burya shetani iraza kuri umwe muri mwebwe ikamubwira iti: "Ni nde yaremye iki? Ni nde yaremye kirya?", gushika n'aho ivuga iti: "Ni nde yaremye Imana yawe Rurema?". Nivyashika rero aho ivuga ukwo, umuntu araca yikinga ku Mana Allah kugira Imukingire ingaruka y'inyoshambi zayo, maze ace areka gushishikara kuvyiyumvira".

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري - 3276]

Explanation

Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) iravuga ku co umwemeramana yokora igihe shetani imwoheje biciye mu kuguma yibaza ibibazo, maze shetani ikavuga mu kumwosha ibaza iti: Ni nde yaremye iki? Ni nde yaremye kirya? Ni nde yaremye ijuru? Ni nde yaremye isi? aho umwemeramana aheza akishura yisunze idini ryiwe n'ukwemera-ndemanwa kwiwe, yisunze kandi ico ubwenge nya bwenge buvuga, ati: ni Allah. Ariko rero shetani, ntigarukiriza ng'aho mu kumutera amakenga n'inyoshambi, ahubwo iguma ishishikara kubaza gushika n'aho ivuga ibaza iti: Ni nde yaremye Imana yawe Rurema?, ico gihe rero, umwemeramana araheza akarwanya izo nyoshambi mu kuzikuramwo akoresheje ibintu bitatu:
Ukwemera Imana Allah.
Ukwikinga ku Mana Allah kugira Imukingire ingaruka mbi z'inyoshambi za shetani.
Ukureka gushishikara yiyumvira ibijanye n'izo nyoshambi.

Benefits from the Hadith

  1. Ukwirengagiza inyoshambi za shetani no kudashishikara kuziyumvira, maze umuntu akagaruka ku Mana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere kugira Imukingire ingaruka mbi zazo.
  2. Kirya kintu cose umuntu yiyumvamwo ku mutima mu nyoshambi ziciye kubiri n'amabwirizwa y'ubwislamu, kiba giturutse kuri shetani.
  3. Birabujijwe kwiyumvira ku vyerekeye ukungene Imana Allah Iteye, igihimirijwe gukora kikaba ari ukwiyumvira ku vyerekeye ibiremwa vyayo n'ibimenyetso vyerekana ukubaho kwayo.
View Translations
Language: English Urdu Spanish More ... (66)
More ...