عَنِ ابْنِ مَسْعُودٍ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُ، قَالَ:
قَالَ رَجُلٌ: يَا رَسُولَ اللهِ، أَنُؤَاخَذُ بِمَا عَمِلْنَا فِي الْجَاهِلِيَّةِ؟ قَالَ: «مَنْ أَحْسَنَ فِي الْإِسْلَامِ لَمْ يُؤَاخَذْ بِمَا عَمِلَ فِي الْجَاهِلِيَّةِ، وَمَنْ أَسَاءَ فِي الْإِسْلَامِ أُخِذَ بِالْأَوَّلِ وَالْآخِرِ».
[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري: 6921]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Mwene Mas'uud (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati:
"Hari umugabo yigeze kuvuga ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mbega burya tuzohanirwa ivyo twakoze tukiri mu kwemera ibintazi (mu bujuju bw'ukutamenya ubwislamu)?". Intumwa yishuye iti: " Uwo wese azoba umugwaneza mu vyo akora ari mu bwislamu, ntazohanirwa ivyo yakoze acemera ibintazi. Nayo uwuzokora ibibi ari mu bwislamu, azoheza ahanirwe ivyo yakoze hambere no hanyuma"".
[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري - 6921]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) arerekana ivyiza vy'umuntu kwinjira mu bwislamu. Aranerekana ko uwubaye umwislamu hanyuma akigenza neza mu bwislamu bwiwe, akanaba umuzirikanamana w'imvugakuri mu vyo akora, atazohanirwa ivyaha yakoze acemera ibintazi. Ni nk'uko yerekana neza na neza ko uwuzokwigenza nabi ari mu bwislamu mu kuba indyarya canke mu guhemuka kw'idini akarivamwo, azoheza agahanirwa ivyaha yakoze akiri mw'igararizamana (mu kwemera ibintazi) hamwe rero n'ivyaha yakoze ari mu bwislamu.