+ -

عَنْ عَائِشَةَ رضي الله عنها قَالَتْ:
قُلْتُ: يَا رَسُولَ اللهِ، ابْنُ جُدْعَانَ كَانَ فِي الْجَاهِلِيَّةِ يَصِلُ الرَّحِمَ، وَيُطْعِمُ الْمِسْكِينَ، فَهَلْ ذَاكَ نَافِعُهُ؟ قَالَ: «لَا يَنْفَعُهُ، إِنَّهُ لَمْ يَقُلْ يَوْمًا: رَبِّ اغْفِرْ لِي خَطِيئَتِي يَوْمَ الدِّينِ».

[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم: 214]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Aisha (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati:
Navuze mbwira Intumwa y'Imana nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mwene Jud'aani, imbere y'umuzo w'ubwislamu yahora yunga ubuvandimwe, akanafungurira abakene, mbega none ivyo yakoze hari ico bizomumarira? Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze yishura iti: "Ihibambewe! Nta co bizomumarira, kuko mu vy'ukuri ata na rimwe yigeze asaba Imana Allah avuga ati: "Mana yanje Rurema! Ndagusavye Uzombabarire ivyaha vyanje ku musi w'impera""".

[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم - 214]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yariganiye abari aho ku vyerekeye Abdillahi mwene Jud'aani, akaba yari umwe mu batware b'Abakorayishi imbere y'umuzo w'ubwislamu. Mu bikorwa vyiza rero vyamuranze, ni uko yitwararika kwunga ubuvandimwe mu gufasha abo mu muryango wiwe ku bugwaneza, akanafungurira abakene, yaranakora n'ibindi bikorwa vyiza ubwislamu bwahimirije ko vyokorwa. Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yariganye rero ko ivyo bikorwa ata co bizomumarira mu buzima bw'inyuma yo gupfa; kubera ubugarariji bwiwe bwo kutemera Imana Allah, n'uko ata na rimwe yigeze asaba ngo avuge ati: "Mana yanje Rurema! Ndagusavye Uzombabarire ku musi w'impera ivyaha vyanje".

Benefits from the Hadith

  1. Kwerekana akamaro k'ukwemera, n'uko ari ikintu gisabwa kugira ibikorwa vyakirwe.
  2. Kwerekana ububi bw'igararizamana, n'uko buri mu bituma ibikorwa vyiza bitegetswe umuntu akora bicika impfagusa.
  3. Abagararizamana, ibikorwa vyiza bakora nta co bizobamarira mu buzima bw'inyuma yo gupfa, bitewe n'ukutemera Imana Allah hamwe n'umusi w'iherezo.
  4. Ibikorwa vy'umuntu yakoze akiri mw'igararizamana, aravyandikirwa akanabihemberwa iyo yinjiye ubwislamu.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations