عَنْ زَيْدِ بْنِ خَالِدٍ الجُهَنِيِّ رضي الله عنه أَنَّهُ قَالَ:
صَلَّى لَنَا رَسُولُ اللهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ صَلَاةَ الصُّبْحِ بِالْحُدَيْبِيَةِ عَلَى إِثْرِ سَمَاءٍ كَانَتْ مِنَ اللَّيْلَةِ، فَلَمَّا انْصَرَفَ أَقْبَلَ عَلَى النَّاسِ، فَقَالَ: «هَلْ تَدْرُونَ مَاذَا قَالَ رَبُّكُمْ؟» قَالُوا: اللهُ وَرَسُولُهُ أَعْلَمُ، قَالَ: «أَصْبَحَ مِنْ عِبَادِي مُؤْمِنٌ بِي وَكَافِرٌ، فَأَمَّا مَنْ قَالَ: مُطِرْنَا بِفَضْلِ اللهِ وَرَحْمَتِهِ، فَذَلِكَ مُؤْمِنٌ بِي وَكَافِرٌ بِالْكَوْكَبِ، وَأَمَّا مَنْ قَالَ: بِنَوْءِ كَذَا وَكَذَا، فَذَلِكَ كَافِرٌ بِي وَمُؤْمِنٌ بِالْكَوْكَبِ».
[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري: 846]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Zaidi mwene Khalidi Al-Juhaniy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati:
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaradusengesheje isengesho ryo mu mutwenzi turi ahitwa Al-Hudaybiyya, inyuma y'imvura yari yaraye iguye, isengesho rimaze kurangira yarahindukiye iraba abantu, ica ivuga iti: "Mbega mwoba muzi ico Imana yanyu Rurema Allah Yavuze?". Abari ng'aho bavuze bayishura bati: "Imana Allah N'Intumwa yayo, ni Bo Bazi gusumba". Iraheza ivuga ko Imana Allah Yavuze Iti: "Mu baja banje, haramutse harimwo uwunyemera n'uwungarariza; uwavuze ati: "Twaronkejwe akavura ku mpano n'impuhwe bivuye ku Mana Allah", uyo ni we anyemera akagarariza inyenyeri. Nayo uwavuze ati: "Twaronkejwe akavura ku mvo z'iki na kirya", uyo ni we angarariza akemera inyenyeri".
[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري - 846]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarasengesheje isengesho ryo mu mutwenzi bari ahitwa Al-Hudaybiyya, ni mu gacimbiri kari hafi y'igisagara ca Makka, muri iryo joro, hari haraye haguye imvura, amaze kuramutsa isengesho rikarangira, yaciye ahindukira atumbera abantu, aca ababaza ati: Mbega mwoba muzi ico Imana yanyu Rurema Yavuze? Abari ng'aho baraheza bamwishura bati: "Allah N'Intumwa yayo, ni Bo Bazi gusumba, Umuvugishwamana aca ababwira ko mu vy'ukuri Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, Yatomoye ko iyo imvura iguye, abantu bicamwo imice ibiri: hari umuce w'abemera Imana Allah, n'uwundi muce w'abagarariza Imana Allah; uwavuze ati: "Twaronkejwe akavura ku mpano n'impuhwe bivuye ku Mana Allah", agasubiza imvo z'igwa ry'imvura ku Mana Allah, uyo ni we aba yemera Imana Allah Rurema Ikora ivyo Yishakiye mu biremwa vyayo, akaba ari na we agararije inyenyeri. Nayo uwavuze ati: "Twaronkejwe akavura ku mvo z'inyenyeri iyi n'iriya", uyo ni we aba agararije Imana Allah, akemera inyenyeri. Iri garariza, ni igararizamana rito (ridakura umuntu mw'idini) rishingiye ku gusubiza ku nyenyeri imvo z'igwa ry'imvura, mu gihe Imana Allah Itigeze Ishinga ingingo canke ngo igere ko inyenyeri ari zo zituma hagwa imvura; nayo uwusubije imvo z'igwa ry'imvura n'ibindi, ku mvo zishingiye kw'ihindagurika ry'ibiba kw'isi, nko kugenda kw'inyenyeri mu guseruka no mu kurenga, yibwira ko iryo hindagurika ari yo mvo nyamukuru ituma hagwa imvura, uyo aba ari umugararizamana agararije igararizamana rikuru (rikura umuntu mw'idini).