1. Urupapuro rutangura
  2. Igaburwa mu migwi
  3. The Creed

Inyigisho y'intumwa Uwupfuye atigeze abangikanya Imana Allah n'ikintu na kimwe mu biremwa, ategerezwa kuzokwinjira mu Bwami bw'ijuru, nayo uwupfuye yarabangikanije Imana Allah n'ikintu na kimwe mu biremwa, ategerezwa kuzokwinjira mu muriro

عَنْ جَابِرٍ رضي الله عنه قَالَ:
أَتَى النَّبِيَّ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ رَجُلٌ فَقَالَ: يَا رَسُولَ اللهِ، مَا الْمُوجِبَتَانِ؟ فَقَالَ: «مَنْ مَاتَ لَا يُشْرِكُ بِاللهِ شَيْئًا دَخَلَ الْجَنَّةَ، وَمَنْ مَاتَ يُشْرِكُ بِاللهِ شَيْئًا دَخَلَ النَّارَ»

Mu vyakiriwe na Jaabiri (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati:
"Umusi umwe hari umugabo yaje ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca amubaza ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ni ibihe bintu bibiri bituma umuntu ategerezwa kwinjira mu Bwami bw'ijuru canke mu muriro?". Intumwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica imwishura iti: "Uwupfuye atigeze abangikanya Imana Allah n'ikintu na kimwe mu biremwa, ategerezwa kuzokwinjira mu Bwami bw'ijuru, nayo uwupfuye yarabangikanije Imana Allah n'ikintu na kimwe mu biremwa, ategerezwa kuzokwinjira mu muriro"".

صحيح رواه مسلم صحيح مسلم - 93

Ugusobanura

Hari umugabo yabajije Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ku bintu bibiri: Igitegerezwa kwinjiza umuntu mu Bwami bw'ijuru n'igitegerezwa kwinjiza umuntu mu muriro. Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye yishura nya mugabo ko igituma umuntu ategerezwa kwinjira mu Bwami bw'ijuru, ari ukuba umuntu yapfuye yiyegereza Imana Allah mu vyo akora vyose akanayisenga atayibangikanya n'ikintu na kimwe mu biremwa; n'uko igituma umuntu ategerezwa kwinjira mu muriro, ari ukuba umuntu yapfuye abangikanya Imana Allah n'ikindi kintu mu biremwa, maze akayigirira mu biremwa ikingana na Yo mu bumana bwayo, canke mu bubungabunzi bwayo bw'ibiremwa, canke mu mazina n'amatazirano yayo.

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

  1. Iciza n'akamaro k'ukwemera Imana Imwe Rudende Allah, ni uko uwupfuye ari umwemeramana atayibangikanya na kimwe mu biremwa, azokwinjira mu Bwami bw'ijuru.
  2. Ikibi n'ingaruka mbi z'ibangikanyamana, ni uko uwupfuye abangikanya Imana Allah n'ikindi kintu na kimwe mu biremwa, azokwinjira mu muriro.
  3. Abanyavyaha mu basenga Imana Imwe Rudende Allah, uguhanwa canke ukudahanwa kwabo kuzokwisunga ugushaka kw'Imana Allah; Ishatse Izobahana, Ishatse naho Ibababarire ivyaha vyabo hanyuma binjire mu Bwami bw'ijuru.

Ukwerekana insiguro mu rundi rurimi

69 Ururimi
EN English الإنجليزية
UR اردو الأوردية
ES Español الإسبانية
ID Indonesia الإندونيسية
UG ئۇيغۇرچە الأيغورية
BN বাংলা البنغالية
FR Français الفرنسية
TR Türkçe التركية
RU Русский الروسية
BS Bosanski البوسنية
SI සිංහල السنهالية
HI हिन्दी الهندية
ZH 中文 الصينية
FA فارسی الفارسية
VI Tiếng Việt الفيتنامية
TL Tagalog تجالوج
KU Kurdî الكردية
HA Hausa الهوسا
PT Português البرتغالية
ML മലയാളം المليالم
TE తెలుగు التلغو
SW Kiswahili السواحيلية
TA தமிழ் التاميلية
MY မြန်မာ البورمية
TH ไทย التايلندية
DE Deutsch الألمانية
JA 日本語 اليابانية
PS پښتو بشتو
AS অসমীয়া الأسامية
SQ Shqip الألبانية
SV Svenska السويدية
AM አማርኛ الأمهرية
NL Nederlands الهولندية
GU ગુજરાતી الغوجاراتية
KY Кыргызча القيرقيزية
NE नेपाली النيبالية
YO Yorùbá اليوروبا
LT Lietuvių الليتوانية
PRS دری الدرية
SR Српски الصربية
SO Soomaali الصومالية
TG тоҷикӣ الطاجيكية
RW Kinyarwanda الكينياروندا
RO Română الرومانية
HU Magyar المجرية
CS Čeština التشيكية
MOS Moore الموري
MG Malagasy المالاجاشية
FF Fulfulde الفولانية
IT Italiano الإيطالية
OM Oromoo الأورومو
KN ಕನ್ನಡ الكانادا
WO Wolof الولوف
BG Български البلغارية
AZ Azərbaycan الأذربيجانية
EL Ελληνικά اليونانية
UZ O‘zbek الأوزبكية
UK Українська الأوكرانية
KA ქართული الجورجية
LN Lingala اللينجالا
MK Македонски المقدونية
KM ភាសាខ្មែរ الخميرية
BM Bambara البامبارية
PA ਪੰਜਾਬੀ البنجابية
MR मराठी الماراثية
DA Dansk الدنماركية
YAO Yao الياو
KMR Kurmancî الكرمنجية
MS Bahasa Melayu الملايو