عَنْ أَبِي هُرَيْرَةَ رضي الله عنه أَنَّهُ قَالَ:
قِيلَ: يَا رَسُولَ اللهِ، مَنْ أَسْعَدُ النَّاسِ بِشَفَاعَتِكَ يَوْمَ الْقِيَامَةِ؟ قَالَ رَسُولُ اللهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ: «لَقَدْ ظَنَنْتُ يَا أَبَا هُرَيْرَةَ أَنْ لَا يَسْأَلَنِي عَنْ هَذَا الْحَدِيثِ أَحَدٌ أَوَّلُ مِنْكَ؛ لِمَا رَأَيْتُ مِنْ حِرْصِكَ عَلَى الْحَدِيثِ، أَسْعَدُ النَّاسِ بِشَفَاعَتِي يَوْمَ الْقِيَامَةِ، مَنْ قَالَ لَا إِلَهَ إِلَّا اللهُ خَالِصًا مِنْ قَلْبِهِ أَوْ نَفْسِهِ»».
[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري: 99]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati:
"Igihe kimwe Intumwa y'Imana yarabajijwe iti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ni nde azogirirwa ibakwe kurusha abandi ry'uko uzomusabira ku musi w'izuka?". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yishuye iti: "Ewe Abu Hurayra! Ni ukuri, nari nzi ko ata wundi n'umwe yogutanga kumbaza kuri iyi nyigisho, ku kungene nabonye umwitwarariko ufise mu kwakira inyigisho z'intumwa. Uwuzogirirwa ibakwe kurusha abandi ry'uko nzomusabira ku musi w'izuka, ni uwavuze ijambo "LAA ILAAHA ILLA LLAAH" ryejejwe ku bw'Imana Allah, arikuye ku mushaha canke ku mutima wiwe".
[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري - 99]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arerekana ko uwuzogirirwa ibakwe kurusha abantu bose mu gusabirwa na yo ku musi w'izuka, ari uwavuze ijambo "LAA ILAAHA ILLA LLAAH" ryejejwe ku bw'Imana Allah arikuye ku mushaha wiwe. Iryo jambo rikaba risigura ko ata gikwiye gusengwa vy'ukuri atari Imana Allah, n'uko ryovugwa ryejejwe ibangikanyamana n'ukwiyerekana.