+ -

عَنْ أَبِي هُرَيْرَةَ رضي الله عنه أَنَّهُ قَالَ:
قِيلَ: يَا رَسُولَ اللهِ، مَنْ أَسْعَدُ النَّاسِ بِشَفَاعَتِكَ يَوْمَ الْقِيَامَةِ؟ قَالَ رَسُولُ اللهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ: «لَقَدْ ظَنَنْتُ يَا أَبَا هُرَيْرَةَ أَنْ لَا يَسْأَلَنِي عَنْ هَذَا الْحَدِيثِ أَحَدٌ أَوَّلُ مِنْكَ؛ لِمَا رَأَيْتُ مِنْ حِرْصِكَ عَلَى الْحَدِيثِ، أَسْعَدُ النَّاسِ بِشَفَاعَتِي يَوْمَ الْقِيَامَةِ، مَنْ قَالَ لَا إِلَهَ إِلَّا اللهُ خَالِصًا مِنْ قَلْبِهِ أَوْ نَفْسِهِ»».

[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري: 99]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati:
"Igihe kimwe Intumwa y'Imana yarabajijwe iti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ni nde azogirirwa ibakwe kurusha abandi ry'uko uzomusabira ku musi w'izuka?". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yishuye iti: "Ewe Abu Hurayra! Ni ukuri, nari nzi ko ata wundi n'umwe yogutanga kumbaza kuri iyi nyigisho, ku kungene nabonye umwitwarariko ufise mu kwakira inyigisho z'intumwa. Uwuzogirirwa ibakwe kurusha abandi ry'uko nzomusabira ku musi w'izuka, ni uwavuze ijambo "LAA ILAAHA ILLA LLAAH" ryejejwe ku bw'Imana Allah, arikuye ku mushaha canke ku mutima wiwe".

[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري - 99]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arerekana ko uwuzogirirwa ibakwe kurusha abantu bose mu gusabirwa na yo ku musi w'izuka, ari uwavuze ijambo "LAA ILAAHA ILLA LLAAH" ryejejwe ku bw'Imana Allah arikuye ku mushaha wiwe. Iryo jambo rikaba risigura ko ata gikwiye gusengwa vy'ukuri atari Imana Allah, n'uko ryovugwa ryejejwe ibangikanyamana n'ukwiyerekana.

Benefits from the Hadith

  1. Kwemeza ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), azosabira abantu mu buzima bw'inyuma yo gupfa, n'uko azosabira gusa abasenga Imana Imwe Rudende.
  2. Isabira ryiwe (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ni ukuzovugira ku Mana Allah uwuzoba yari mu basenga Imana Imwe Rudende Allah yari kuja mu muriro udahera, ko atowujamwo; n'uko uwamaze kuwinjira yowukurwamwo.
  3. Akamaro n'inkurikizi nziza z'ijambo ry'ukwemanga ko Imana Allah ari Imwe Rudende, ryejejwe ku bwayo.
  4. Kugendera ijambo ry'ukwemanga ko Imana Allah ari Imwe Rudende, bishoboka iyo umuntu azi neza ico risigura, gutyo akarigendera yisunze nya nsiguro.
  5. Icubahiro Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yari afise, n'ukwitwararika kwiwe kwo kurondera ubumenyi.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Japanese Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية الأكانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations