+ -

عن جابر بن عبد الله رضي الله عنهما قال: سمعت رسول الله صلى الله عليه وسلم يقول:
«مَنْ لَقِيَ اللهَ لَا يُشْرِكُ بِهِ شَيْئًا دَخَلَ الْجَنَّةَ، وَمَنْ لَقِيَهُ يُشْرِكُ بِهِ دَخَلَ النَّارَ».

[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم: 93]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Jaabiri mwene Abdillaahi (Imana Allah Ibishimire bompi we na se), yavuze ati: "Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ivuga iti:
"Uwuzohura n'Imana Allah atigeze ayibangikanya n'ikintu na kimwe, azokwinjira mu Bwami bw'ijuru. Nayo uwuzohura na Yo yarayibangikanije, azokwinjira mu muriro udahera".

[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم - 93]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arerekana ko uwupfuye atabangikanya Imana Allah n'ikintu na kimwe, amaherezo yiwe ari mu Bwami bw'ijuru, n'aho yobanza guhanirwa bimwe mu vyaha vyiwe, n'uko uwupfuye ayibangikanya n'ikintu na kimwe, azoja mu muriro udahera ubutakivayo.

Benefits from the Hadith

  1. Akamaro k'ukwemera ko Imana Allah ari Imwe Rudende, n'uko ari kwo kuzorokora abantu mu kugumizwa mu muriro udahera ubutakivayo.
  2. Ko Ubwami bw'ijuru n'umuriro udahera, biri hafi cane y'umuntu; kuko ata kiri hagati yiwe no kuvyinjira atari urupfu gusa.
  3. kwihaniza n'ukwamirira kure ibangikanyamana uko ringana kwose, ryaba rito canke rinini; kuko ukurokoka mu muriro udahera gushingiye ku kwirinda ibangikanyamana.
  4. Igihambaye mu bikorwa umuntu akora, ni impera n'imperuka azosozererako ubuzima (ibikorwa birabwa umusozo).
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Japanese Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية الأكانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations