+ -

عن أبي هريرة رضي الله عنه عن النبي صلى الله عليه وسلم:
«اللهُمَّ لَا تَجْعَلْ قَبْرِي وَثَنًا، لَعَنَ اللهُ قَوْمًا اتَّخَذُوا قُبُورَ أَنْبِيَائِهِمْ مَسَاجِدَ».

[صحيح] - [رواه أحمد] - [مسند أحمد: 7358]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati:
"Ewe Mana yanje Nzima! Ntuzogire imva yanje kuba ahantu hasengerwa ibigirwamana; kuko Imana Allah Yavumye abantu bagize imva z'Abavugishwamana babo kuba imisigiti".

[صحيح] - [رواه أحمد] - [مسند أحمد - 7358]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yasavye Imana yiwe Rurema Allah, ko Itoreka imva yiwe ngo ibe nk'ikigirwamana gisengwa n'abantu mu kuyubaha bayininahaza no mu kuyitumbera bayubamira. Hanyuma (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aca asigura ko Imana Allah Yavumye mu kwirukana mu mpuhwe zayo, uwo wese yagize imva z'Abavugishwamana kuba imisigiti; kuko guhindura nya mva zikaba imisigiti bituma abantu bazigira ibigirwamana mu kuzitumbera mu vyo bakora no mu kwemera ko zica zigakiza.

Benefits from the Hadith

  1. Ukurenga imbibe z'amabwirizwa y'ubwislamu ku vyerekeye imva z'Abavugishwamana n'iz'aberenda, bituma nya mva zisengwa mu gishingo c'Imana Allah, ni ngombwa rero kwiyubara ivyotuma haba ibangikanyamana.
  2. Ntibirekuwe gutumbera imva mu kuzubaha no mu kuzikorerako ibikorwa nyegerezamana n'aho nyene iyo mva yoba ari umweranda atonye cane ku Mana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere.
  3. Kirazira kikaziririzwa kwubaka imisigiti ku mva.
  4. Kirazira kikaziririzwa gusengera ku mva n'aho umuntu atoyubakako umusigiti, kiretse gusa mu gihe ikiziga coba cahambwe kidasengewe.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Japanese Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية الأكانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations