عن أبي هريرة رضي الله عنه عن النبي صلى الله عليه وسلم:
«اللهُمَّ لَا تَجْعَلْ قَبْرِي وَثَنًا، لَعَنَ اللهُ قَوْمًا اتَّخَذُوا قُبُورَ أَنْبِيَائِهِمْ مَسَاجِدَ».
[صحيح] - [رواه أحمد] - [مسند أحمد: 7358]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati:
"Ewe Mana yanje Nzima! Ntuzogire imva yanje kuba ahantu hasengerwa ibigirwamana; kuko Imana Allah Yavumye abantu bagize imva z'Abavugishwamana babo kuba imisigiti".
[صحيح] - [رواه أحمد] - [مسند أحمد - 7358]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yasavye Imana yiwe Rurema Allah, ko Itoreka imva yiwe ngo ibe nk'ikigirwamana gisengwa n'abantu mu kuyubaha bayininahaza no mu kuyitumbera bayubamira. Hanyuma (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aca asigura ko Imana Allah Yavumye mu kwirukana mu mpuhwe zayo, uwo wese yagize imva z'Abavugishwamana kuba imisigiti; kuko guhindura nya mva zikaba imisigiti bituma abantu bazigira ibigirwamana mu kuzitumbera mu vyo bakora no mu kwemera ko zica zigakiza.