+ -

عن ابْنِ عُمَرَ رضي الله عنهما أنه سَمِعَ رَجُلًا يَقُولُ: لَا وَالْكَعْبَةِ، فَقَالَ ابْنُ عُمَرَ: لَا يُحْلَفُ بِغَيْرِ اللَّهِ، فَإِنِّي سَمِعْتُ رَسُولَ اللَّهِ صَلَّى اللَّهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ يَقُولُ:
«مَنْ حَلَفَ بِغَيْرِ اللهِ فَقَدْ كَفَرَ أَوْ أَشْرَكَ».

[صحيح] - [رواه أبو داود والترمذي وأحمد] - [سنن الترمذي: 1535]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Mwene Omari (Imana Allah Ibishimire bompi we hamwe na se wiwe mwene Al-Khattwaab), yavuze ko yumvise umuntu avuga ati: "Eka ndarahiye kw'izina rya Al-Ka'ba!". Mwene Omari aca avuga ati: "Ntukarahire ku kitari Imana Allah; kuko narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti:
"Uwo wese arahiye ku kitari Imana Allah, ni ukuri aba agararije canke abangikanije"".

[صحيح] - [رواه أبو داود والترمذي وأحمد] - [سنن الترمذي - 1535]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aramenyesha ko umuntu uwo ari we wese arahiye ku kitari Imana Allah, ku mazina no ku matazirano atari ay'Imana Allah, aba agararije canke abangikanije Imana Allah; kuko ukurahira ku kintu gushingiye ku cubahiro nta ngere ca nya kintu, icubahiro nta ngere na co kikaba gikwiye gusa Imana Allah Yonyene, ntibirekuwe rero kurahira kiretse gusa ku Mana Allah, ku mazina no ku matazirano yayo. Ukwo kurahira ku kitari Imana Allah, guharurwa rero mw'ibangikanyamana rito (Iryo ntirikura umuntu mu bwislamu); ariko rero iyo uwurahira arahiye ku kintu yemanga ko gifise icubahiro nta ngere gihabwa Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere canke kikirengeye, muri ico gihe ukurahira ku kitari Imana Allah guharurwa mw'ibangikanyamana rikuru (Iryo na ryo rikaba rikura umuntu mu bwislamu).

Benefits from the Hadith

  1. Uguhabwa icubahiro nta ngere mu kurahira, ni agateka kubahirizwa gusa ku Mana Allah Nyenukuninahazwa, Nyenuguhabwicubahiro nta ngere. Ntibirekuwe rero kurahira kiretse gusa ku Mana Allah, ku mazina no ku matazirano yayo.
  2. Ingendanyi zarahurumbira na ntaryo kubwiriza gukora ivyiza no kubuza gukora ibibi, na canecane mu gihe nya bibi bifitaniye isano n'ibangikanyamana canke igarariza.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Japanese Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية الأكانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations