عن أبي هريرة رضي الله عنه قال: قال رسول الله صلى الله عليه وسلم:
«لَا تَجْعَلُوا بُيُوتَكُمْ قُبُورًا، وَلَا تَجْعَلُوا قَبْرِي عِيدًا، وَصَلُّوا عَلَيَّ؛ فَإِنَّ صَلَاتَكُمْ تَبْلُغُنِي حَيْثُ كُنْتُمْ».
[حسن] - [رواه أبو داود] - [سنن أبي داود: 2042]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Ntimukagire inzu zanyu kuba nk'imva mu kutazisengeramwo, kandi ntimuzogire imva yanje icibutso c'ihimbazwa ryanje, muraheza nyabuna munsabire ku Mana Allah amahoro n'impuhwe; kuko mu vy'ukuri, igisabisho canyu munsabiye aho muzoba muri hose, kizonshikira".
[حسن] - [رواه أبو داود] - [سنن أبي داود - 2042]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arabuza kwirengagiza gusengera mu nzu nk'aho zoba ari imva kizira ko hasengerwa. Yaranabujije abantu kuguma bisubiriza mu kuja kugendera no guhurira ahari imva ku bihe bizwi bitegekanijwe; kuko ivyo vyohava biba inyendamuvano y'ibangikanyamana. Yarategetse n'uko abantu bomusabira amahoro n'impuhwe ku Mana Allah aho bazoba bari hose kw'isi; kuko igisabisho asabiwe n'uwuri hafi yiwe kimushikira co kimwe n'ico asabiwe n'uwuri kure yiwe, nta gituma rero hoba ikurakuranwa ryo kuja ahari imva yiwe.