+ -

عن أبي هريرة رضي الله عنه قال: قال رسول الله صلى الله عليه وسلم:
«لَا تَجْعَلُوا بُيُوتَكُمْ قُبُورًا، وَلَا تَجْعَلُوا قَبْرِي عِيدًا، وَصَلُّوا عَلَيَّ؛ فَإِنَّ صَلَاتَكُمْ تَبْلُغُنِي حَيْثُ كُنْتُمْ».

[حسن] - [رواه أبو داود] - [سنن أبي داود: 2042]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Ntimukagire inzu zanyu kuba nk'imva mu kutazisengeramwo, kandi ntimuzogire imva yanje icibutso c'ihimbazwa ryanje, muraheza nyabuna munsabire ku Mana Allah amahoro n'impuhwe; kuko mu vy'ukuri, igisabisho canyu munsabiye aho muzoba muri hose, kizonshikira".

[حسن] - [رواه أبو داود] - [سنن أبي داود - 2042]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arabuza kwirengagiza gusengera mu nzu nk'aho zoba ari imva kizira ko hasengerwa. Yaranabujije abantu kuguma bisubiriza mu kuja kugendera no guhurira ahari imva ku bihe bizwi bitegekanijwe; kuko ivyo vyohava biba inyendamuvano y'ibangikanyamana. Yarategetse n'uko abantu bomusabira amahoro n'impuhwe ku Mana Allah aho bazoba bari hose kw'isi; kuko igisabisho asabiwe n'uwuri hafi yiwe kimushikira co kimwe n'ico asabiwe n'uwuri kure yiwe, nta gituma rero hoba ikurakuranwa ryo kuja ahari imva yiwe.

Benefits from the Hadith

  1. Ukubuza kutitwararika gukorera mu nzu ibikorwa nyegerezamana.
  2. Ukubuza gufata urugendo mu ntumbero yo kugendera imva y'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah); kuko yategetse abantu ko bamusabira amahoro n'impuhwe ku Mana Allah, aranamenyesha ko igisabisho asabiwe kimushikira, na yo ahandi ho, ugufata urugendo biba mu ntumbero yo kugana umusigiti no kuwusengeramwo.
  3. Ukuziririza ko igendera ry'imva y'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ryohimbazwa nk'umusi mukuru, rikama ryabaye kw'igenekerezo runaka mu buryo butegekanijwe buzwi; kandi iryo ziririzwa riranubahirizwa no mu kugendera imva y'uwo ari we wese mu biremwa.
  4. Icubahiro Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) afise ku Mana yiwe Rurema Allah, mu gushinga uburyo bwo kumusabira ku Mana Allah mu gihe ico ari co cose n'aho ari ho hose umuntu azoba ari kw'isi.
  5. Iziririzwa ryo gusengera ku mva ryari rizwi n'ingendanyi zose, akaba ari na co gituma Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yabujije ko inzu zogirwa nk'imva kuko bisanzwe bizira ko nya mva zisengerwako.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Japanese Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية الأكانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations