Merits of Good Deeds

4Urutonde rw'inyigisho z'intumwa

Urutonde rw'inyigisho z'intumwa 4

Ntimukagire inzu zanyu kuba nk'imva mu kutazisengeramwo, kandi ntimuzogire imva yanje icibutso c'ihimbazwa ryanje, muraheza nyabuna munsabire ku Mana Allah amahoro n'impuhwe; kuko mu vy'ukuri, igisabisho canyu munsabiye aho muzoba muri hose, kizonshikira
Amasengesho atanu asengwa ku musi ku musi, isengesho ry'ijuma gushika ku rindi ryo mu ndwi ikurikira, ipfunga rya Ramadhani gushika ku rindi ryo mu mwaka ukurikira; ivyo vyose biba icuhagizo c'ibicumuro bikorwa hagati ya kimwe n'ikindi, iyo umuntu yirinze kugwa mu vyaha rutura
Iciza cose umuntu akoze, agihemberwa indishi y'imperezwa
Uwipfuza kwugururirwa mu bimubeshaho (uwukunda ko ahabwa umusesekara mu bimubeshaho), agahabwa n'ubuzima burebure, araheza yunge ubuvandimwe bw'abo basangiye amaraso