Urutonde rw'inyigisho z'intumwa

Mu vy'ukuri, ni ukuri ibirekuwe birazwi mw'idini biranatomoye; kandi ni ukuri n'ibizira birazwi biranatomoye
عربي الإنجليزية الأوردية
Iyo muba mwama mwishimikiza Imana Allah mu vyo mukora ukuri kw'ukuyishimikiza, ni ukuri Yobaronkeje ibibabeshaho bikwiye nka kurya Ironsa inyoni ibizibeshaho bikwiye, aho ubona zizinduka zikagenda zishonje, zagaruka naho zikagaruka zihaze, amabondo yafoye
عربي الإنجليزية الأوردية
Ururimi rwawe ntiruzohengeshanye kuguma ruremvye mu kuninahaza no gutazira Imana Allah
عربي الإنجليزية الأوردية
Ntimukagire inzu zanyu kuba nk'imva mu kutazisengeramwo, kandi ntimuzogire imva yanje icibutso c'ihimbazwa ryanje, muraheza nyabuna munsabire ku Mana Allah amahoro n'impuhwe; kuko mu vy'ukuri, igisabisho canyu munsabiye aho muzoba muri hose, kizonshikira
عربي الإنجليزية الأوردية
Amasengesho atanu asengwa ku musi ku musi, isengesho ry'ijuma gushika ku rindi ryo mu ndwi ikurikira, ipfunga rya Ramadhani gushika ku rindi ryo mu mwaka ukurikira; ivyo vyose biba icuhagizo c'ibicumuro bikorwa hagati ya kimwe n'ikindi, iyo umuntu yirinze kugwa mu vyaha rutura
عربي الإنجليزية الأوردية
Mu vy'ukuri, ni ukuri ibirekuwe birazwi mw'idini biranatomoye; kandi ni ukuri n'ibizira birazwi biranatomoye
عربي الإنجليزية الأوردية
Iyo muba mwishimikiza Imana Allah mu vyo mukora ukuri kw'ukuyishimikiza, ni ukuri Yobaronkeje ibibabeshaho bikwiye nka kurya Ironsa inyoni ibizibeshaho bikwiye, aho ubona zizinduka zikagenda zishonje zikagaruka zihaze, amabondo yafoye
عربي الإنجليزية الأوردية
Hari umuja yakoze icaha, aca avuga yigaya ati: "Mana yanje Nzima Allah! Ndagusavye Umbabarire icaha nakoze
عربي الإنجليزية الأوردية
Iciza cose umuntu akoze, agihemberwa indishi y'imperezwa
عربي الإنجليزية الأوردية
Uwuca ubuvandimwe, ntazopfa yinjiye mu Bwami bw'ijuru
عربي الإنجليزية الأوردية
Uwipfuza kwugururirwa mu bimubeshaho (uwukunda ko ahabwa umusesekara mu bimubeshaho), agahabwa n'ubuzima burebure, araheza yunge ubuvandimwe bw'abo basangiye amaraso
عربي الإنجليزية الأوردية
Ugusaba igisabisho, ni co gikorwa nya gikorwa c'iyegerezamana
عربي الإنجليزية الأوردية
Nta kintu na kimwe cubahitse ku Mana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere coza gisumba ugusaba igisabisho
عربي الإنجليزية الأوردية
Mu vy'ukuri, agateka k'Imana Allah Ifise ku baja bayo, ni uko bayiyegereza mu vyo bakora vyose bakanayisenga batayibangikanya na kimwe mu biremwa; nayo agateka k'abaja bayo bayifiseko, ni uko Itazohana uwutayibangikanya na kimwe mu biremwa
عربي الإنجليزية الأوردية
Uwupfuye atigeze abangikanya Imana Allah n'ikintu na kimwe mu biremwa, ategerezwa kuzokwinjira mu Bwami bw'ijuru, nayo uwupfuye yarabangikanije Imana Allah n'ikintu na kimwe mu biremwa, ategerezwa kuzokwinjira mu muriro
عربي الإنجليزية الأوردية
Mu vy'ukuri, Imana Allah Izofata umuntu umwe mu bantu narungitsweko, kugira Imuharurire ishengero ry'ibiremwa rikoraniye ng'aho ku musi w'izuka
عربي الإنجليزية الأوردية
Nimutsimbatare kw'igamburukiramana, ukwumva n'ukwumvira indongozi, n'aho indongozi ibarongoye yoba ari umuja w'umwirabure aturuka muri Egiputa; burya mu nyuma zanje muzobona ukudahuza mu guhazana kenshi mu vyiyumviro, nivyabashikira rero muraheza muce mwisunga inyigisho n'imigenzo yanje, hamwe rero n'imigenzo y'ingendanyi zanje z'abagororotsi zigendera ukuri
عربي الإنجليزية الأوردية
Ururimi rwawe ntiruzohengeshanye kuguma rubomvye mu kuninahaza no gutazira Imana Allah
عربي الإنجليزية الأوردية
Ewe Ntumwa y'Imana! Nta gicumuro eka nta n'icaha rutura kibaho, kiretse ko mu vy'ukuri namaze kugikora. Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yamubajije ati: "None ntiwemera ku mushaha ukatura n'ururimi, wemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Imwe Rudende Allah, ukemera n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana?
عربي الإنجليزية الأوردية
Ibikorwa umuntu akora biri mu mice itandatu, n'abantu nyene bari mu mice ine. Mu bikorwa, harimwo ibitegerezwa-ntahara bibiri; ingere ku yindi; iciza gihemberwa ivyiza cumi; hamwe ero n'iciza gihemberwa ivyiza amajana indwi
عربي الإنجليزية الأوردية
Mu vy'ukuri, biri mu bimenyetso bizokwibonekeza vyerekana ko umuhero w'isi ugiye gushika: ubumenyi nya bumenyi buzogenda amazimayongo, ubujuju bwake indaro (buzogwirirana), ubusambanyi buzokwiragira, ukunywa inzoga kuzogwirirana, abagabo bazokeha, abagore na bo bazogwirirana kugeza y'aho abagore mirongo itanu bahagarikirwa n'umuhagarikizi umwe w'umugabo
عربي الإنجليزية الأوردية
igihe kimwe Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ikintu, aca avuga ati: "Ico kintu kizoba igihe ubumenyi buzoba bugira bukurweho
عربي الإنجليزية الأوردية
Ntimukige ubumenyi kugira mubukoreshe mu kwihaya ku bandi bamenyi, ntimukige ubumenyi kugira mubukoreshe mu guhaririza ibijuju
عربي الإنجليزية الأوردية
Imana Allah Yaratanze akarorero k'inzira igororotse
عربي الإنجليزية الأوردية
Mgeba hari n'umwe muri mwebwe igihe asubiye mu rugo rwiwe, akunda ko yohasanga ingamiya zitatu zidoshe zifise amezi
عربي الإنجليزية الأوردية
Uwufise Qor'ani mu mutwe, ku musi w'izuka azobwirwa ati: "Soma maze udugirizwe icubahiro, uheze usome neza mu bwitonzi nta ngere nka kurya wahora usoma kw'isi, mu vy'ukuri urugero rw'icubahiro cawe, rugarukira kuri Aayah ya nyuma usoma
عربي الإنجليزية الأوردية
Uwusomeye Qor'ani ku mugaragaro, ni nk'uwutangiye imperezwa ku mugaragaro. Uwusomeye Qor'ani mu mpisho na we, ni nk'uwutangiye imperezwa mw'ibanga
عربي الإنجليزية الأوردية
bahora bayigishwa n'Intumwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ari Aayah cumi, ntibigishwa izindi cumi zikurikira batabanje kumenya ibiri muri zimwe cumi za mbere, ubumenyi hamwe n'ishirwa mu ngiro ryabwo
عربي الإنجليزية الأوردية
Ewe Se wa Al-Mundhiri! Mbega urazi Aayah ihambaye cane ufise iri mu Gitabu c'Imana Allah, iyo ari yo?". Ubayyi yavuze ati: "Aho naciye mvuga nishura nti ni: {ALLAAHU LAA ILAAHA ILLAA HUWA L-HAYYU L-QAYYUUM}" (Al-Baqara: 255). Ubayyi yavuze ati: "Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye ikubita ku gikiriza canje, ica ivuga iti: "Ndarahiye kw'izina ry'Imana Allah mvuga nti: "Ewe Se wa Al-Mundhiri! Urakaberwa n'ubumenyi, Urakagira ubumenyi
عربي الإنجليزية الأوردية
Vuga uti: "LAA ILAAHA ILLA LLAAH", nanje nzoheza ndakubere icabona ntuzohanwe ku musi w'izuka
عربي الإنجليزية الأوردية
None burya Imana Allah ntiyabahaye ivyo mwotangako imperezwa!? Mu vy'ukuri, ininahaza n'itaziramana ryose "TASBIIH", ni imperezwa; ikuzamana ryose "TAKBIIR", ni imperezwa; ishimagizamana ryose "TAHMIID", ni imperezwa; iyemanga ry'uko Imana Allah ari Imwe Rudende "TAHLIIL", ni imperezwa; ukubwiriza abantu gukora ivyiza, ni imperezwa; ukubuza abantu gukora ibibi, ni imperezwa; vyongeye, no mu kurangura amabanga y'abubatse, harimwo imperezwa
عربي الإنجليزية الأوردية
Uwukemuriye umwemeramana ikibazo mu kumukura mu vyago vyo kw'isi, Imana Allah Izomukemurira ibibazo mu kumukura mu vyago vyo ku musi w'izuka
عربي الإنجليزية الأوردية