عن أبي هريرة رضي الله عنه عن النبي صلى الله عليه وسلم قال:
«لَيْسَ شَيْءٌ أَكْرَمَ عَلَى اللهِ تَعَالَى مِنَ الدُّعَاءِ».

[حسن] - [رواه الترمذي وابن ماجه وأحمد] - [سنن الترمذي: 3370]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati:
"Nta kintu na kimwe cubahitse ku Mana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere coza gisumba ugusaba igisabisho".

[حسن] - [رواه الترمذي وابن ماجه وأحمد] - [سنن الترمذي - 3370]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yaratomoye ko ata kintu na kimwe mu bikorwa nyegerezamana cubahitse kandi ciza cane ku Mana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, coza gisumba ugusaba igisabisho; kuko mu gisabisho hahurikiyemwo ukwemanga ko Imana Allah Nyenukuninahazwa na Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yikenuye muri vyose, n'umuntu kwemera ko ata co yishoboje n'uko akeneye inkunga zayo.

Benefits from the Hadith

  1. Ivyiza vy'ugusaba igisabisho, bibonekera mu kuba uwusavye Imana Allah aba agaragaje ubuhambazi bwayo, yemanze ko Yo Nyenukuninahazwa Yikenuye muri vyose; kuko uwukenye ntasabwa; n'uko ari Yo Nyenukwumva kuko ikiragi nticosabwa ngo cumve uwugisavye; n'uko ari Yo Nyenubugwaneza, kuko ingumyi ntikwiye gusabwa; n'uko ari Yo Nyenimpuhwe; kuko uwurangwa n'agatimatare ntasabwa; n'uko ari Yo Ishoboye kuko nyenintege nke ntasabwa; n'uko ari Yo Iri hafi cane y'umusavyi kuko uwuri kure ntiyumva ngo abe yosabwa, n'ibindi bitari ivyo mu biranga icubahiro n'ubwiza vy'Imana Allah Nyenukuninahazwa na Nyenuguhabwicubahiro nta ngere.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Japanese Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية الأكانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية البامبارية البنجابية الماراثية الياو
View Translations