عن النعمان بن بَشِير رضي الله عنه قال: سمعت النبيَّ صلى الله عليه وسلم يقول:
«الدُّعَاءُ هُوَ الْعِبَادَةُ»، ثُمَّ قَرَأَ: «{وَقَالَ رَبُّكُمُ ادْعُونِي أَسْتَجِبْ لَكُمْ إِنَّ الَّذِينَ يَسْتَكْبِرُونَ عَنْ عِبَادَتِي سَيَدْخُلُونَ جَهَنَّمَ دَاخِرِينَ} [غافر: 60]».
[صحيح] - [رواه أبو داود والترمذي وابن ماجه وأحمد] - [سنن الترمذي: 3247]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Al-Nu'maani mwene Bashiiri (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narigeze kwumva Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) avuga ati:
"Ugusaba igisabisho, ni co gikorwa nya gikorwa c'iyegerezamana", hanyuma aca arasoma Aayah, aho Imana Allah Ivuga Iti: ﴾Bantu! Imana yanyu Rurema Allah Yavuze Iti: “Nimunsabe mutambangikanya na kimwe mu biremwa, maze Ndabahe ivyo musavye; mu vy’ukuri, abagira amanyama mu kuticisha bugufi ngo banyiyegereze mu vyo bakora banansenge Ndi Imana Imwe Rudende, bazokwinjira mu muriro wa Jahannamu basuzuguritse”﴿ (Ghaafir: 60).
[صحيح] - [رواه أبو داود والترمذي وابن ماجه وأحمد] - [سنن الترمذي - 3247]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratwiganiye ko ugusaba igisabisho ari co gikorwa nya gikorwa c'iyegerezamana, ni ngombwa rero ko igisabisho gisabwa ku bw'Imana Allah, caba ari igisabisho c'ivyo umuntu asaba kuronswa, canke kikaba ari ic'umuntu gusaba Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, ngo Imuronsa ibimugirira akamaro n'ibimukingira ibimubangamiye mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa, canke kikaba ari ic'umuntu gusba igisabisho nyegerezamana, na co kikaba ari kirya cose gikundwa kikanashimwa n'Imana Allah mu majambo no mu bikorwa, vyaba ari ibigaragara canke ibihishije mu mushaha, bishobora kura ari ibikorwa nyegerezamana bikorerwa mu mushaha, canke ibikorwa n'ibihimba, canke ibishingiye kw'itangwa ry'amatungo.
Mu nyuma, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarashikirije icemezo kivyemeza, aho yavuze ati: Imana Allah Yavuze Iti: “Nimunsabe mutambangikanya na kimwe mu biremwa, maze Ndabahe ivyo musavye; mu vy’ukuri, abagira amanyama mu kuticisha bugufi ngo banyiyegereze mu vyo bakora banansenge Ndi Imana Imwe Rudende, bazokwinjira mu muriro wa Jahannamu basuzuguritse” (Ghaafir: 60).