عن أبي هريرة رضي الله عنه عن النبي صلى الله عليه وسلم قال:
«كَلِمَتَانِ خَفِيفَتَانِ عَلَى اللِّسَانِ، ثَقِيلَتَانِ فِي الْمِيزَانِ، حَبِيبَتَانِ إِلَى الرَّحْمَنِ: سُبْحَانَ اللهِ الْعَظِيمِ، سُبْحَانَ اللهِ وَبِحَمْدِهِ».

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري: 6406]
المزيــد ...

Mu vyashikirijwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati:
"Hariho amajambo abiri yoroshe kuvuga ku rurimi, aremereye mu ndishi ku munzane, akundwa na Nyenimpuhwe: SUB-HAANA LLAAHI L'ADHWIIM, SUB-HAANA LLAAHI WABIHAMDIHI".

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري - 6406]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yaratwiganiye ko hariho amajambo abiri yorohera umuntu kuyavuga mu bihe vyose ata n'uburemere burimwo, n'uko impera yo kuyavuga ari nyinshi ku munzane w'ibikorwa vyiwe, n'uko Imana yacu Rurema Nyenimpuhwe, Nyenimigisha na Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, Iyakunda cane, na yo akaba ari:
"SUB-HAANA LLAAHI L'ADHWIIM" na "SUB-HAANA LLAAHI WABIHAMDIH", ivyo bikavana n'uko ayo majambo ahurikiyemwo ininahazwa n'ishimagizwa ry'Imana Allah Nyenimigisha-nta ngere, na Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, mu kwerekana ubuhambare n'ubutore vyayo, hamwe n'iyezwa ryayo mu buryo buzira kwitirirwa ibiteye kubiri n'ivyo.

Benefits from the Hadith

  1. Ininahaza n'itaziramana rihambaye cane, ni rirya rihuriza hamwe iyezwa ry'Imana Allah kuri birya vyose vyerekana akanenge n'agahaze hamwe rero n'ishimagizwa ku vyiza biyiranga.
  2. Ukwerekana impuhwe nta ngere z'Imana Allah ku baja bayo, ku buryo Ihembera igikorwa gito indishi nyinshi.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Japanese Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية الأكانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية البامبارية البنجابية الماراثية الياو
View Translations