Ukugabura mu migwi: Virtues and Manners .

عن جُبَير بن مُطْعِم رضي الله عنه أنه سمع النبي صلى الله عليه وسلم يقول:
«لَا يَدْخُلُ الْجَنَّةَ قَاطِعُ رَحِمٍ».

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح مسلم: 2556]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Jubayri mwene Mutw'imu (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko yumvise Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) avuga ati:
"Uwuca ubuvandimwe, ntazopfa yinjiye mu Bwami bw'ijuru".

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح مسلم - 2556]

Ugusobanura

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko umuntu aciye ubuvandimwe mu kutubahiriza agateka k'abo basangiye amaraso, canke mu kubabangamira no kubagirira nabi, akwiye kutazokwinjira mu Bwami bw'ijuru.

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

  1. Uguca ubuvandimwe, ni icaha mu vyaha rutura.
  2. Ukwunga ubuvandimwe, kuba mu buryo bumenyerewe busanzwe buzwi, gutyo iyonga ry'ubwo buvandimwe rikagenda ritandukana hisunzwe ahantu, igihe n'abantu bungiwe nya buvandimwe.
  3. Biri mu kwunga ubuvandimwe, kugenderanira, gutanga imperezwa, kugira ubugwaneza, gusuhuza abarwaye, kubwiriza abantu gukora ivyiza no kubabuza gukora ibibi, n'ibindi bitari ivyo.
  4. Uko guca ubuvandimwe bibaye mu bahafi cane basangiye amaraso, ni ko n'icaha kiba kibi cane kurusha.
Ukwerekana insiguro mu rundi rurimi
Ururimi: الإنجليزية الأوردية الإسبانية Ivyiyongeyeko (67)