Category: Virtues and Manners .

عن عائشة رضي الله عنها قالت: قال النبي صلى الله عليه وسلم:
«لَا تَسُبُّوا الْأَمْوَاتَ، فَإِنَّهُمْ قَدْ أَفْضَوْا إِلَى مَا قَدَّمُوا».

[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري: 1393]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Aisha (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati:
"Ntimugatuke abapfuye; kuko mu vy'ukuri, bo baramaze kuja kwibonera ivyo bakoze".

[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري - 1393]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratomora ko kizira kikaziririzwa gutuka no gucokora abamaze gupfa, n'uko ico kiri mu ngeso mbi (zidakwiye kuranga abakiri bazima), kuko abapfuye baramaze gushikira ibikorwa bakoze, vyaba vyiza canke bibi, kanatsinda ibitutsi batukwa nta co bibicira, kiretse ko gusa bibangamira abakiri bazima.

Benefits from the Hadith

  1. Iyi nyigisho y'intumwa, ni icemezo c'uko kizira kikaziririzwa gutuka abapfuye.
  2. Kudatuka abapfuye, harimwo ukwitwararikira ineza y'abakiri bazima hamwe n'ukurinda abantu mu kibano kurangwa n'inzigo y'inzikira hamwe n'urwanko.
  3. Ihangiro ry'ibuzwa ryo gutuka abapfuye, ni uko bamaze gushikira ivyo bakoze bigatuma ukubatuka ata na kimwe bibamarira, uretse ko gusa harimwo ibibangamira ry'abo mu muryango wabo bakiri bazima.
  4. Ntibibereye ko umuntu avuga ibitagira akamaro.
View Translations
Language: English Urdu Spanish More ... (67)