عن أبي مسعود الأنصاري رضي الله عنه قال:
جَاءَ رَجُلٌ إِلَى النَّبِيِّ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ فَقَالَ: إِنِّي أُبْدِعَ بِي فَاحْمِلْنِي، فَقَالَ: «مَا عِنْدِي»، فَقَالَ رَجُلٌ: يَا رَسُولَ اللهِ، أَنَا أَدُلُّهُ عَلَى مَنْ يَحْمِلُهُ، فَقَالَ رَسُولُ اللهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ: «مَنْ دَلَّ عَلَى خَيْرٍ فَلَهُ مِثْلُ أَجْرِ فَاعِلِهِ».
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم: 1893]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Mas'uudi Al-Answaariy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati:
"Hari umugabo umwe yigeze kuza ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: "Mu vy'ukuri, igitwazi nahora nikorako kikanderura carapfuye, enda rero ndagusabe ko umpa igitwazi coza kiranderura". Maze aca amwishura ati: "Nta gitwazi mfise noguha". Niho umugabo umwe mu bari ng'aho yaca avuga ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Jewe nomurangira uwomuha igitwazi kimurerura". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica ivuga iti: "Uwo wese arangiye abantu iciza bakora, araheza agahabwa impera nk'irya nyene uwakoze nya ciza aronka"".
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم - 1893]
Harigeze kuza umugabo umwe ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga amuganyira ati: Mu vy'ukuri, igitwazi canje nahora niyunguruzako carapfuye, sinkikigira ikinderura, ndagusavye rero ko wongabira igitwazi nokwikorako maze kikanderura gushika iyo nipfuza kuja, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca aramuhakanira ko ata gitwazi afise yomugabira, umugabo umwe mu bari ng'aho aca avuga ati: Ewe Ntumwa y'Imana! Jewe ndashobora kumurangira umugiraneza yomugabira igitwazi, niho Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaca itomora mu kuvuga ko uyo muranzi w'iciza asangiye indishi n'umugiraneza, mu kuba na we nyene aronka impera nka zirya nyene umugiraneza aronka, kuko ari we yamurangiye uwukeneye kugabirwa.