Urutonde rw'inyigisho z'intumwa

Nta n'umwe yemera bikwiye, atabanje gukundira mwenewabo mu bantu ko aronka nk'ivyo wenyene ubwiwe akunda ko yoronka
عربي الإنجليزية الأوردية
Mu vy'ukuri, Imana Allah Yarategetse kurangwa n'ubugwaneza ku kintu cose umuntu akoze
عربي الإنجليزية الأوردية
Mu vy'ukuri, mu vyahanahanwe n'abantu bakabitahura mu majambo y'ivugishwamana ryo kuva kera na rindi, ni uko iyo utagira isoni uheza ugakora ivyo ushatse
عربي الإنجليزية الأوردية
Iciza, ni umuntu kurangwa n'imigenzo myiza; nayo igicumuro na co, ni kirya cose gitera amazinda mu gikiriza cawe, ukanka n'uko abantu bomenya ko wagikoze
عربي الإنجليزية الأوردية
Umuntu niyakunda mwenewabo araheza amubwire ko amukunda
عربي الإنجليزية الأوردية
Nimwirinde gukora ibintu indwi bihonya bigatongora
عربي الإنجليزية الأوردية
Imana Allah Iragirira impuhwe, umuntu w'umugwaneza iyo hagize ico agurisha, n'iyo hagize ico agura, n'iyo hagize ico yishuza
عربي الإنجليزية الأوردية
Aho hambere harigeze kuba umuntu ahereza abantu ingurane, maze hagera kubishuza akabwira umukozi wiwe arungitse ati: "Niwahura n'uwudufitiye umwenda adashoboye kuwishura, uramurengana umwihoze, kumbure hari n'aho na twe Imana Allah Yoturengana mu kutaduhanira ivyaha vyacu
عربي الإنجليزية الأوردية
Mu vy'ukuri, Imana Allah Yarategetse kurangwa n'ubugwaneza ku kintu ico ari co cose umuntu akoze
عربي الإنجليزية الأوردية
Ntugashavure
عربي الإنجليزية الأوردية
Mu vy'ukuri intungane nya ntungane, ku Mana Allah zizohabwa ivyicaro vy'iteka ku nyegamo zikozwe mu muco, ziri iburyo bwa Nyenimpuhwe "Rahmaani", Nyenintsinzi na Nyenicubahiro, kanatsinda amaboko yiwe yompi, ni ay’iburyo
عربي الإنجليزية الأوردية
Ntugakengere ikintu na kimwe mu vyiza, n'aho kwoba ari uguhura na mwenewanyu ukeye (ushwashwanutse) mu maso
عربي الإنجليزية الأوردية
Uwufise inguvu n'imirya koko, si urya azi gukubitana imyereka, mu vy'ukuri uwufise inguvu n'imirya koko, ni urya yigumya igihe ashavuye, ntaheze ngo ashire aho ishavu rishize
عربي الإنجليزية الأوردية
Uwo wese arangiye abantu iciza bakora, araheza agahabwa impera nk'irya nyene uwakoze nya ciza aronka
عربي الإنجليزية الأوردية
Gateranya ntazopfa yinjiye mu Bwami bw'ijuru
عربي الإنجليزية الأوردية
Uwo wese yemera Imana Allah ko Ibaho akemera n'umusi w'iherezo ko ubaho, araheza avuge ivyiza canke apfume yinumira
عربي الإنجليزية الأوردية
Uwutagirira impuhwe abantu, Imana Allah Nyenintsinzi na Nyenicubahiro ntiheza ngo Imugirire impuhwe namba
عربي الإنجليزية الأوردية
Mu vy'ukuri mu bagabo Imana Allah Yanka cane, ni inshirwarimenetse y'intahanurwa mu matati
عربي الإنجليزية الأوردية
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarigeze kubazwa ku bintu kenshi na kenshi bizotuma abantu binjira mu Bwami bw'ijuru, ica yishura ivuga iti: "Igamburukiramana hamwe rero n'umuntu kurangwa n'ingeso nziza
عربي الإنجليزية الأوردية
Burya ukwisonera, kuri mu bigize ukwemera kw'umuntu
عربي الإنجليزية الأوردية
Uwo wese azoharanira agateka n'icubahiro vya mwenewabo, mu kumwishurira ibimuvugwako atari ho ari, Imana Allah Izomukingira umuriro ku musi w'izuka ry'ibiremwa
عربي الإنجليزية الأوردية
Iciza, ni umuntu kurangwa n'imigenzo myiza; igicumora na co, ni kirya giteye amadidane mu gikiriza cawe, ukanka n'uko abantu bomenya ko wagikoze
عربي الإنجليزية الأوردية
Mu vy'ukuri, mu vyahanahanwe n'abantu bakabitahura mu majambo y'ivugishwamana ryo kuva kera na rindi, ni uko iyo utagira isoni uheza ugakora ivyo ushatse
عربي الإنجليزية الأوردية
Nta n'umwe yemera bikwiye, atabanje gukundira mwenewabo mu bantu ko aronka nk'ivyo wenyene ubwiwe akunda ko yoronka
عربي الإنجليزية الأوردية
Biri mu biranga ubwislamu bwiza bw'umuntu, umuntu kureka kuja mu bitamuraba
عربي الإنجليزية الأوردية
Ntimugasharikane, ntimukaduganirizeko ibiciro mu guta mu rudubi abaguzi, ntimukankane urunuka, ntimugahane umugongo mu guca ubuvandimwe n'ubucuti, ntihakagire muri mwebwe abagurishiriza ikidandazwa ku kindi camaze kugurishwa na bamwe muri mwebwe, muraheza rero mube abaja b'Imana Allah b'abavukanyi
عربي الإنجليزية الأوردية