Category:

عَنِ النَّوَّاسِ بْنِ سِمْعَانَ رَضِيَ اللهُ عَنْهُ عَنِ النَّبِيِّ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ قَالَ:
«البِرُّ: حُسْنُ الخُلُقِ، وَالإِثْمُ مَا حَاكَ فِي صَدْرِكَ، وَكَرِهْتَ أَنْ يَطَّلِعَ عَلَيْهِ النَّاسُ». وَعَنْ وَابِصَةَ بْنِ مَعْبَدٍ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُ قَالَ: أَتَيْتُ رَسُولَ اللَّهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ فَقَالَ: «جِئْتَ تَسْأَلُ عَنِ البِرِّ وَالإِثْمِ»، قُلْتُ: نَعَمْ، قَالَ: «اسْتَفْتِ قَلْبَكَ، البِرُّ: مَا اطْمَأَنَّتْ إلَيْهِ النَّفْسُ، وَاطْمَأَنَّ إلَيْهِ القَلْبُ، وَالإِثْمُ: مَا حَاكَ فِي نَفْسِكَ وَتَرَدَّدَ فِي الصَّدْرِ، وَإِنْ أَفْتَاكَ النَّاسُ وَأَفْتَوْكَ».

[صحيح] - [الحديث الأول: رواه مسلم، والحديث الثاني: رواه أحمد والدارمي.] - [الأربعون النووية: 27]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Al-Nawwaasi mwene Sim'aani (Imana Allah Imwishimire) ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati:
"Iciza, ni umuntu kurangwa n'imigenzo myiza; nayo igicumuro na co, ni kirya cose gitera amazinda mu gikiriza cawe, ukanka n'uko abantu bomenya ko wagikoze". No mu vyakiriwe na Waabiswa mwene Ma'badi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Naraje ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica imbwira iti: "Uje kubaza ku vyerekeye iciza n'ikibi, ivyo ari vyo?", nca mvuga nti: "Egome, ni co kinzanye!". Ica ivuga iti: "Enda nyabuna baza umutima wawe, burya iciza, ni kirya kintu cose umuntu atekanirwa iyo agikoze, maze akumva iteka n'itekane ku mushaha; nayo igicumuro, ni kirya kintu cose kiguteye amazinda mu kugikora, maze ukagumana akarigangamuhogo ku mushaha n'aho abantu bokubwira ngo kirarekuwe, bakongera bagasubira bakakubwira bati kirarekuwe"".

[صحيح] - [الحديث الأول: رواه مسلم، والحديث الثاني: رواه أحمد والدارمي] - [الأربعون النووية - 27]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ku vyerekeye ukumenya iciza n'ikibi ati: Igihambaye mu biranga iciza, ni umuntu kurangwa n'imigenzo myiza ku Mana Allah, imigenzo ibonekera mw'igamburukiramana, hamwe rero no kurangwa n'imigenzo myiza ku bantu, imigenzo ibonekera mu kwihanganira ibangamira ryabo, gushavura gake kabaho, gushwashwanuka mu maso, kuyaga amajambo meza, kwunga ubuvandimwe, kwumvira Imana Allah, kurangwa n'impuhwe n'ubugwaneza, kubana neza n'abandi, n'uko iciza ari kirya mu kugikora, umuntu atekanirwa ku mutima. Nayo igicumuro, ni kirya kintu cose wumva gihehera mu mushaha mu bintu biteye amazinda, maze kikaguma kikuryohereza kugikora ariko umutima ukakwankira, ukagumana amakenga n'ubwoba butewe n'ukwiyumvamwo ko kugikora ari igicumuro, ukanka n'ukukigaragariza abantu kuko giteye isoni ku bantu bisoneye, b'intungane, ivyo bigaterwa n'uko muri kamere k'umuntu, akunda kugaragariza abantu ivyiza akora; iyo rero bishitse ko yanka bimwe mu vyo akora ko bigaragara, maze abantu bakabimenya, ico gikorwa kiba ari igicumuro, nta n'iciza namba kiba kirimwo; n'aho abantu bokubwira ingingo yuko ico kiguteye amazinda kirekuwe, ntugaheze ngo ubumvire mu vyo bavuga, igihe wamaze kwiyumvamwo ko nya kintu kiguteye amazinda kiguma gihehera mu mushaha; kuko burya ingingo ushikirijwe ntikumara amazinda ugifiseko mu gihe nya mazinda koko aba ari ay'ukuri, uwugushikirije nya ngingo na we akaba ata bumenyi yisunze; nayo mu gihe iyo ngingo washikirijwe yoba ishingiye ku cemezo c'ukuri, muri ico gihe biba ngombwa ko ugaruka ukisunga nya ngingo n'aho itogushimisha ku mushaha wawe.

Benefits from the Hadith

  1. Uguhimiriza abantu kurangwa n'imigenzo myiza; kuko ukurangwa n'imigenzo myiza kiri mu bihamabaye biranga ivyiza.
  2. Ukuri n'ikinyoma, ntivyigera vyitiranwa ngo umwemeramana ananirwe kubitandukanya, ahubwo araheza akamenya ukuri yisunze umuco uri mu mushaha wiwe, akanahunga ikinyoma akaciyamiriza.
  3. Biri mu bimenyetso vyerekana ko ikintu ari igicumuro, kudatekanirwa ku mutima igihe c'ukugikora, hamwe n'ukwanka ko abantu bamenya ko wagikoze.
  4. Al-Sindiy yavuze ati: "Iyi ngingo yerekeye ibintu biteye amazinda, ari na vyo abantu badaheza ngo bamenye ico bohitamwo muri vyo (ku kutamenya ikiziruye canke ikizira muri vyo); ahandi ho bitagenze ukwo, igitegetswe mu mabwirizwa ata cemezo kigaragara gifise, kikaba kitari no muri ivyo bizindanye, kiba ari iciza; ikibujijwe gukora na co, kiba ari igicumuro nk'uko nyene; ntibinakenewe rero (mu gukora igitegetswe no mu kureka ikibujijwe), kubanza kubaza umutima no kuronka ituze ryawo".
  5. Ababwirwa muri iyi nyigisho y'intumwa, ni barya bantu bose barangwa n'ukuba bakigendera imigenzo-ndemanwa itaratituka, si barya bafise imitima yakebanye itazi iciza ngo igihurumbire, eka ntimenye n'ikibi ico ari co kiretse birya yonkejwe n'ivyipfuzo vy'umushaha wiwe.
  6. Al-Twayyibiy yavuze ati: "Mu gusigura iciza "al-birru" kivugwa muri iyi nyigisho, haratanzwe insiguro zitandukanye, hari ahatanzwe insiguro yuko ari kirya kintu umuntu akora atekaniwe ku mutima; hari n'ahandi hatanzwe insiguro yuko ari ukwemera, hakaba n'ahandi casiguwe ko ari kirya kintu kikwegereza ku Mana Allah, ng'aha naho kikaba casiguwe ko ari umuntu kurangwa n'imigenzo myiza; imigenzo myiza ivugwa ng'aho, ni umuntu kwihanganira ibangamira ry'abantu, ugushavura gake gashoboka, gushwashwanuka mu maso hamwe n'ukuvuga amajambo meza. Izi nsiguro zose rero uziravye, ziregeranye mu co zishaka gushikako.
View Translations
Language: English Urdu Spanish More ... (53)
Categories
More ...