Hadith List

Jewe ndi Nyawikwije Azira ibangikanywa. Kubera ivyo, uwo wese agize ico akora akimbangikanijeko n'ikindi kintu, nca ndamurekera nya gikorwa nkamutererana n'ico yambangikanije
عربي English Urdu
Iyo abislamu babiri bakuye imipanga (canke inkota zabo) mu rwubati ngo barwane, maze umwe muri bo akica mugenziwe, uwishe n'uwishwe bose bazoja mu muriro
عربي English Urdu
Mu vyukuri, Imana Allah ntiraba ingene musa n'uko muremye, eka ntinaraba amatungo yanyu, ariko Iraba ibiri mu mitima yanyu hamwe n'ibikorwa vyanyu vyiza mwakoze
عربي English Urdu
Mu vy'ukuri ibikorwa vyose bihabwa impembo hisunzwe amazirikana-gikorwa vyakoranwe, kandi burya mu vy'ukuri umwe wese arafise ku mushaha ico yazirikanye
عربي English Urdu
Nta n'umwe muri mwebwe yokwemera bikwiye atabanje kunkunda kuruta kurya akunda umuvyeyi wiwe, umwana wiwe, eka mbere kuruta kurya akunda abantu bose
عربي English Urdu
Iciza, ni umuntu kurangwa n'imigenzo myiza; igicumora na co, ni kirya giteye amadidane mu gikiriza cawe, ukanka n'uko abantu bomenya ko wagikoze
عربي English Urdu
Imana Allah Yaratanze akarorero k'inzira igororotse
عربي English Urdu