عَنِ النَّوَّاسِ بْنِ سِمْعَانَ الْأَنْصَارِيِّ رضي الله عنه قَالَ:
سَأَلْتُ رَسُولَ اللهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ عَنِ الْبِرِّ وَالْإِثْمِ، فَقَالَ: «الْبِرُّ حُسْنُ الْخُلُقِ، وَالْإِثْمُ مَا حَاكَ فِي صَدْرِكَ، وَكَرِهْتَ أَنْ يَطَّلِعَ عَلَيْهِ النَّاسُ».

[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم: 2553]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Al-Nawwaasi mwene Sim'aani Al-Answaariy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati:
"Narigeze kubaza Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ku bijanye n'iciza n'igicumuro, ivyo ari vyo, ica yishura iti: "Iciza, ni umuntu kurangwa n'imigenzo myiza; igicumora na co, ni kirya giteye amadidane mu gikiriza cawe, ukanka n'uko abantu bomenya ko wagikoze"".

[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم - 2553]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarabajijwe ku vyerekeye iciza n'ikibi, ivyo ari vyo, aca avuga yishura ati:
Igihambaye mu biranga iciza, ni umuntu kurangwa n'imigenzo myiza ku Mana Allah, ibonekera mw'igamburukiramana, hamwe no kurangwa n'imigenzo myiza ku bantu, ibonekera mu kwihanganira ibangamira ryabo, gushavura gake kabaho, gushwashwanuka mu maso, kuyaga amajambo meza, kwunga ubuvandimwe, kwumvira Imana Allah, kugira impuhwe n'ubugwaneza, kubana neza n'abandi.
Nayo igicumuro, ni kirya wumva gihehera mu mushaha mu bintu bitera amazinda, maze kikaguma kikuryohereza kugikora ariko umutima ukakwankira, ukagumana amakenga n'ubwoba butewe n'ukwiyumvamwo ko kugikora ari igicumuro, ukanka n'ukukigaragariza abantu kuko giteye isoni ku bantu bisoneye, b'intungane, ivyo bigaterwa n'uko muri kamere k'umuntu, akunda kugaragariza abantu ivyiza akora, bishitse rero ko yanka ko bimwe mu vyo akora bigaragara, abantu bakabimenya, iyo rero umuntu yanse ko bimwe mu vyo akora bigaragara ku bantu bakabimenya, ico kiba ari igicumuro, nta ciza namba kiba kirimwo.

Benefits from the Hadith

  1. Uguhimiriza abantu kurangwa n'imigenzo myiza; kuko ukurangwa n'imigenzo myiza kiri mu bihamabaye biranga ivyiza.
  2. Ukuri n'ikinyoma, ntivyigera vyitiranwa ngo umwemeramana ananirwe kubitandukanya, ahubwo araheza akamenya ukuri yisunze umuco uri mu mushaha wiwe, akanahunga ikinyoma akaciyamiriza.
  3. Biri mu bimenyetso vyerekana ko ikintu ari igicumuro, kudatekanirwa ku mutima igihe c'ukugikora, hamwe n'ukwanka ko abantu bamenya ko wagikoze.
  4. Al-Sindiy yavuze ati: "Iyi ngingo yerekeye ibintu biteye amazinda, ari na vyo abantu badaheza ngo bamenye ico bohitamwo muri vyo (ku kutamenya ikiziruye canke ikizira muri vyo); ahandi ho bitagenze ukwo, igitegetswe mu mabwirizwa ata cemezo kigaragara gifise, kikaba kitari no muri ivyo bizindanye, kiba ari iciza; ikibujijwe gukora na co, kiba ari igicumuro nk'uko nyene; ntibinakenewe rero (mu gukora igitegetswe no mu kureka ikibujijwe), kubanza kubaza umutima no kuronka ituze ryawo".
  5. Ababwirwa muri iyi nyigisho y'intumwa, ni barya bantu bose barangwa n'ukuba bakigendera imigenzo-ndemanwa itaratituka, si barya bafise imitima yakebanye itazi iciza ngo igihurumbire, eka ntimenye n'ikibi ico ari co kiretse birya yonkejwe n'ivyipfuzo vy'umushaha wiwe.
  6. Al-Twayyibiy yavuze ati: "Mu gusigura iciza "al-birru" kivugwa muri iyi nyigisho, haratanzwe insiguro zitandukanye, hari ahatanzwe insiguro yuko ari kirya kintu umuntu akora atekaniwe ku mutima; hari n'ahandi hatanzwe insiguro yuko ari ukwemera, hakaba n'ahandi casiguwe ko ari kirya kintu kikwegereza ku Mana Allah, ng'aha naho kikaba casiguwe ko ari umuntu kurangwa n'imigenzo myiza; imigenzo myiza ivugwa ng'aho, ni umuntu kwihanganira ibangamira ry'abantu, ugushavura gake gashoboka, gushwashwanuka mu maso hamwe n'ukuvuga amajambo meza. Izi nsiguro zose rero uziravye, ziregeranye mu co zishaka gushikako.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Thai German Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Oromo Kannada الولوف Azeri Uzbek Ukrainian الجورجية المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations