عَنِ النَّوَّاسِ بْنِ سِمْعَانَ الْأَنْصَارِيِّ رضي الله عنه قَالَ:
سَأَلْتُ رَسُولَ اللهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ عَنِ الْبِرِّ وَالْإِثْمِ، فَقَالَ: «الْبِرُّ حُسْنُ الْخُلُقِ، وَالْإِثْمُ مَا حَاكَ فِي صَدْرِكَ، وَكَرِهْتَ أَنْ يَطَّلِعَ عَلَيْهِ النَّاسُ».
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم: 2553]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Al-Nawwaasi mwene Sim'aani Al-Answaariy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati:
"Narigeze kubaza Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ku bijanye n'iciza n'igicumuro, ivyo ari vyo, ica yishura iti: "Iciza, ni umuntu kurangwa n'imigenzo myiza; igicumora na co, ni kirya giteye amadidane mu gikiriza cawe, ukanka n'uko abantu bomenya ko wagikoze"".
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم - 2553]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarabajijwe ku vyerekeye iciza n'ikibi, ivyo ari vyo, aca avuga yishura ati:
Igihambaye mu biranga iciza, ni umuntu kurangwa n'imigenzo myiza ku Mana Allah, ibonekera mw'igamburukiramana, hamwe no kurangwa n'imigenzo myiza ku bantu, ibonekera mu kwihanganira ibangamira ryabo, gushavura gake kabaho, gushwashwanuka mu maso, kuyaga amajambo meza, kwunga ubuvandimwe, kwumvira Imana Allah, kugira impuhwe n'ubugwaneza, kubana neza n'abandi.
Nayo igicumuro, ni kirya wumva gihehera mu mushaha mu bintu bitera amazinda, maze kikaguma kikuryohereza kugikora ariko umutima ukakwankira, ukagumana amakenga n'ubwoba butewe n'ukwiyumvamwo ko kugikora ari igicumuro, ukanka n'ukukigaragariza abantu kuko giteye isoni ku bantu bisoneye, b'intungane, ivyo bigaterwa n'uko muri kamere k'umuntu, akunda kugaragariza abantu ivyiza akora, bishitse rero ko yanka ko bimwe mu vyo akora bigaragara, abantu bakabimenya, iyo rero umuntu yanse ko bimwe mu vyo akora bigaragara ku bantu bakabimenya, ico kiba ari igicumuro, nta ciza namba kiba kirimwo.