عن أبي هريرة رضي الله عنه قال: قال رسول الله صلى الله عليه وسلم:
«قَالَ اللهُ تَبَارَكَ وَتَعَالَى: أَنَا أَغْنَى الشُّرَكَاءِ عَنِ الشِّرْكِ، مَنْ عَمِلَ عَمَلًا أَشْرَكَ فِيهِ مَعِي غَيْرِي تَرَكْتُهُ وَشِرْكَهُ».
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم: 2985]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, Nyenimigisha-ntangere Yavuze Iti: Jewe ndi Nyawikwije Azira ibangikanywa. Kubera ivyo, uwo wese agize ico akora akimbangikanijeko n'ikindi kintu, nca ndamurekera nya gikorwa nkamutererana n'ico yambangikanije".
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم - 2985]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, Nyenimigisha-ntangere Yavuze ko ari Yo Nyawikwije Izira ibangikanywa; kuko ari Yo Yikenuye muri vyose, n'uko umuntu iyo agize igikorwa akora mu bikorwa nyumviramana (nyobokamana), maze akagikora ku bw'Imana Allah no ku bw'ikindi kintu kitari Yo, Ica Ireka kukimwakirira kikamugarukako (Ikanakimusubiza). Ni ngombwa rero ko haba izirikanagikorwa ku bw'Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, kuko Nyenukuninahazwa Atakira na kimwe mu bikorwa, kiretse icakoranywe izirikanamana (izirikanagikorwa ku bwayo).