عَن عُمَرَ بنِ الخَطَّابِ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُ قال: سَمِعْتُ النَّبِيَّ صَلَّى اللَّهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ يَقُولُ:
«لَا تُطْرُونِي كَمَا أَطْرَتِ النَّصَارَى ابْنَ مَرْيَمَ؛ فَإِنَّمَا أَنَا عَبْدُهُ، فَقُولُوا: عَبْدُ اللهِ وَرَسُولُهُ».
[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري: 3445]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Omari mwene Al-Khattwaabi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narumvise Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) avuga ati:
"Ntimukarenze urugero mu kumpayagiza nka kurya abanaswara barengeje urugero mu guhayagiza Mwene Mariyamu. Ni ukuri, jewe ndi Umuja w'Imana Allah. Nimwashaka rero kunshimagiza, muraheza muvuge muti: "Umuja w'Imana Allah akaba n'Intumwa yayo"".
[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري - 3445]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arabuza akihanikiriza kurenza urugero rurekuwe n'amategeko mu kumuhayagiza bamutazira amatazirano y'Imana Allah, no mu kumushinga ibikorwa vyagenewe Imana Allah, canke ko yoba azi ibinyegejwe ibiremwa, canke ko yosabwa hamwe n'Imana Allah, nka kurya abanaswara babigenjeje mu guhayagiza Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y'Imana Allah). Hanyuma arerekana neza na neza ko we ari Umuja mu baja b'Imana Allah, akanabwiriza abantu ko mu kumuhayagiza bovuga bati: "Umuja w'Imana Allah akaba n'Intumwa yayo".