عن أبي هريرة رضي الله عنه قال: قال رسول الله صلى الله عليه وسلم:
«إِنَّ اللهَ لَا يَنْظُرُ إِلَى صُوَرِكُمْ وَأَمْوَالِكُمْ، وَلَكِنْ يَنْظُرُ إِلَى قُلُوبِكُمْ وَأَعْمَالِكُمْ».
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم: 2564]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Mu vyukuri, Imana Allah ntiraba ingene musa n'uko muremye, eka ntinaraba amatungo yanyu, ariko Iraba ibiri mu mitima yanyu hamwe n'ibikorwa vyanyu vyiza mwakoze".
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم - 2564]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratomora ko Imana Allah Nyenukuninahazwa na Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Itaraba ishusho n'indemo vy'abaja bayo; ko bihimbaye canke bidahimbaye ababibona! Ko bafise imibiri idoshe mininiminini canke inamvye mitomito! Canke ko imibiri yabo ifise amagara meza canke isinzikajwe n'indwara! Eka ntinaraba amatungo yabo, ko ari menshi canke make! Kuko Imana Allah Nyenintsinzi na Nyenicubahiro, ntizohanira abaja bayo canke ngo Ibaharurire kuri ibi bidondaguwe n'ukungene bagenda babisumbasumbanamwo, ahubwo nyabuna Iraba ibiri mu mitima yabo, mu kuba umuntu arangwa n'igamburukiramana, yizera nya kwizera, avuga ukuri, agira izirikanamana mu gihe c'ukurangura ibikorwa, canke mu kuba umuntu arangwa n'ukwiyerekana n'ukurondera kuyagwa neza n'abantu, Igaheza kandi Ikaraba ibikorwa vyabo bakora, mu kuba bitunganye canke vyononekaye; maze Ikavyakira Ikabibahembera canke Ikavyanka Ikabibarekera.