عن أبي هريرة رضي الله عنه أن رسول الله صلى الله عليه وسلم قال:
«كان رجلٌ يُدَايِنُ الناسَ، فكان يقول لفتاه: إذا أتيتَ مُعسِرًا فتجاوز عنه، لعل اللهَ يَتجاوزُ عنا، فلقي اللهَ فتجاوز عنه».
[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح مسلم: 1562]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'imana Allah) yavuze iti:
"Aho hambere harigeze kuba umuntu ahereza abantu ingurane, maze hagera kubishuza akabwira umukozi wiwe arungitse ati: "Niwahura n'uwudufitiye umwenda adashoboye kuwishura, uramurengana umwihoze, kumbure hari n'aho na twe Imana Allah Yoturengana mu kutaduhanira ivyaha vyacu, nya muntu amaze gupfa agahura n'Imana Allah, Yaramurenganye maze Iramubabarira ivyaha vyiwe".
[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح مسلم - 1562]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ariganira abantu inkuru y'umuntu yahora ahereza abantu ingurane canke akabahereza ibidandazwa bazoriha mu nyuma, maze hagera kwishuza, nya muntu akabwira umukozi wiwe arungitse kwishuza abantu bamufitiye umwenda ati: "Niwahura n'uwudufitiye umwenda, maze ugasanga ntashoboye kwishura, uraca umureka wirenganire ata kumuhatira kwishura, canke umwakirire ayo ashoboye kwishura n'aho yoba atangana n'umwenda adufitiye. Ivyo vyose rero, nya muntu akaba yabigira mu ntumbero yo kurondera kubabarirwa n'Imana Allah ivyaha vyiwe. Igihe co guhwera kigeze, Imana Allah Yaramubabariye maze Irirengagiza ivyaha n'ibicumuro vyiwe.