عن عبد الله بن عمرو رضي الله عنهما قال: قال رسول الله صلى الله عليه وسلم:
«إِنَّ الْمُقْسِطِينَ عِنْدَ اللهِ عَلَى مَنَابِرَ مِنْ نُورٍ، عَنْ يَمِينِ الرَّحْمَنِ عَزَّ وَجَلَّ، وَكِلْتَا يَدَيْهِ يَمِينٌ، الَّذِينَ يَعْدِلُونَ فِي حُكْمِهِمْ وَأَهْلِيهِمْ وَمَا وَلُوا».
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم: 1827]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abdullahi mwene Amri (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Mu vy'ukuri intungane nya ntungane, ku Mana Allah zizohabwa ivyicaro vy'iteka ku nyegamo zikozwe mu muco, ziri iburyo bwa Nyenimpuhwe "Rahmaani", Nyenintsinzi na Nyenicubahiro, kanatsinda amaboko yiwe yompi, ni ay’iburyo", izo ntungane rero, ni barya bantu b'intungane batagira nkunzi mu ngingo bafata igihe bariko batunganiriza abantu, igihe bariko batunganiriza imiryango yabo, no mu gihe co kwubahiriza amabanga n'amabango bajejwe".
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم - 1827]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ku vyerekeye barya batunganiriza abantu mu kubacira urugororotse vy'ukuri ata nkunzi, maze bagatunganiriza abo bajejwe mu bantu no mu miryango yabo, ko ku cubahiro bazoba bafise ku musi w'izuka ry'ibiremwa, bazoba bicaye ku nyegamo z'iteka zisununuye zihinguwe mu muco. Izi nyegamo, zizoba ziri iburyo bwa Nyenimpuhwe Nyaguhabwicubahiro nta ngere, kanatsinda amaboko yompi ya Nyenukuninahazwa Allah, ni ay’iburyo.