عن أبي هريرة رضي الله عنه
عَنِ النَّبِيِّ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ، فِيمَا يَحْكِي عَنْ رَبِّهِ عَزَّ وَجَلَّ، قَالَ: «أَذْنَبَ عَبْدٌ ذَنْبًا، فَقَالَ: اللَّهُمَّ اغْفِرْ لِي ذَنْبِي، فَقَالَ تَبَارَكَ وَتَعَالَى: أَذْنَبَ عَبْدِي ذَنْبًا، فَعَلِمَ أَنَّ لَهُ رَبًّا يَغْفِرُ الذَّنْبَ، وَيَأْخُذُ بِالذَّنْبِ، ثُمَّ عَادَ فَأَذْنَبَ، فَقَالَ: أَيْ رَبِّ اغْفِرْ لِي ذَنْبِي، فَقَالَ تَبَارَكَ وَتَعَالَى: عَبْدِي أَذْنَبَ ذَنْبًا، فَعَلِمَ أَنَّ لَهُ رَبًّا يَغْفِرُ الذَّنْبَ، وَيَأْخُذُ بِالذَّنْبِ، ثُمَّ عَادَ فَأَذْنَبَ، فَقَالَ: أَيْ رَبِّ اغْفِرْ لِي ذَنْبِي، فَقَالَ تَبَارَكَ وَتَعَالَى: أَذْنَبَ عَبْدِي ذَنْبًا، فَعَلِمَ أَنَّ لَهُ رَبًّا يَغْفِرُ الذَّنْبَ، وَيَأْخُذُ بِالذَّنْبِ، اعْمَلْ مَا شِئْتَ فَقَدْ غَفَرْتُ لَكَ».

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح مسلم: 2758]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire)
ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu vyo yakiriye ku Mana yiwe Rurema Nyenintsinzi na Nyenicubahiro, Yavuze Iti: "Hari umuja yakoze icaha, aca avuga yigaya ati: "Mana yanje Nzima Allah! Ndagusavye Umbabarire icaha nakoze, Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Ica Imwakiriza yompi Ivuga Iti: "Umuja wanje yakoze icaha, aca amenya ko afise Imana Rurema Ibabarira icaha, Ishobora no kugihanira. Hanyuma nya muja wanje asubira gukora icaha, araheza avuga yigaya kandi ati: "Ewe Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Umbabarire icaha nakoze", Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Ica Imwakiriza yompi Ivuga Iti: "Umuja wanje yakoze icaha, aca amenya ko afise Imana Rurema Ibabarira icaha, Ishoboye no kugihanira". Hanyuma wa muja wanje asubira gukora icaha, araheza avuga yigaya kandi ati: "Ewe Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Umbabarire icaha nakoze", Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Ica Ivuga Imwakiriza yompi Iti: "Umuja wanje yakoze icaha, aca amenya ko afise Imana Rurema Ibabarira icaha, Ishoboye no kugihanira". Imana Allah rero Iraheza Imuhumuriza Iti: "Muja wanje! Kora ivyo ushaka, ni ukuri Namaze kukubabarira ivyaha vyawe"".

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح مسلم - 2758]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarakiriye ku Mana yiwe Rurema, ko umuntu iyo akoze icaha hanyuma akavuga yigaya ku Mana Allah ati: Mana yanje Nzima! Ndagusavye Umbabarire icaha nakoze, Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Ica Ivuga Iti: Umuja wanje yakoze icaha, aca amenya ko afise Imana Rurema Ibabarira icaha, Ikanamugumiriza akabanga kuri nya caha ntikimuhanire, amenya n'uko Imana Allah Ishoboye guhana umuntu ku caha yakoze. Kubera ivyo rero, ni ukuri Namaze kumubabarira icaha yakoze. Hanyuma wa muja wanje agasubira gukora icaha, agaheza akavuga yigaya ati: Ewe Mana yanje Rurema! Ndagusavye Umbabarire icaha nakoze, Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Igaca Ivuga Iti: Umuja wanje yakoze icaha, aca amenya ko afise Imana Rurema Ibabarira icaha Ikanamugumiriza akabanga kuri nya caha ntikimuhanire, amenya n'uko Imana Allah Ishoboye guhana umuntu ku caha yakoze. Kubera ivyo rero, ni ukuri Namaze kumubabarira icaha yakoze. Hanyuma wa muja wanje agasubira gukora kandi icaha, agaheza akavuga yigaya ati: Ewe Mana yanje Rurema! Ndagusavye Umbabarire icaha nakoze, Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Igaca Ivuga Iti: Umuja wanje yakoze icaha, aca amenya ko afise Imana Rurema Ibabarira icaha Ikanamugumiriza akabanga kuri nya caha ntikimuhanire, yamenye n'uko Imana Allah Ishoboye guhana umuntu ku caha yakoze. Kubera ivyo rero, ni ukuri Namaze kumubabarira icaha yakoze, nakore rero ivyo ashaka mu gihe cose azoba azi ko uko akoze icaha ategerezwa kwicuza akigaya, maze akiyemeza no kudasubira kugikora, yamara akaganzwa n'umutima wiwe ka muntu agasubira kandi kugwa mu caha. Mu gihe cose rero bizomugendera ukwo; akoze icaha akigaya, nanje Nzokwama ndamubabarira; burya ukwigaya ku caha kuragihanagura burundu nk'aho kitigeze kibaho.

Benefits from the Hadith

  1. Ubwinshi bw'impuhwe nta ngere z'Imana Allah ku baja bayo, n'uko umuntu uko yokora ivyaha kwose n'uko vyongana kwose, iyo yikebutse akigaya ku vyaha vyiwe, Imana Allah Ica Imwakiriza yompi Ikamubabarira kuri nya vyaha.
  2. Umuntu yemera Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, yama yizeye kuronka ikigongwe c'Imana yiwe Rurema Allah, atinya no guhabwa ibihano vyayo, maze agahurumbira kwikebuka akigaya, ntaheze ngo abandanye kuguma mu vyaha no mu bugaba.
  3. Ibisabwa mu kwigaya nya kwigaya, ni umuntu kuvavanura n'icaha; kwicuza ku caha yakoze; kwiyemeza kutagisubira gukora nya caha. Iyo naho ico caha yigayako kijanye n'akarenganyo yagiriye abantu, mu kubambura utwabo, mu kubatesha icubahiro mu kibano no mu muryango, canke mu kubatuntuza no kubaka ubuzima, haraheza hakiyongerako igisabwa kigira kane, na co kikaba ari ukwiyeza kuri nyenagateka yahungabanije maze akamubabarira; canke ugusubiza ivyo yamwambuye.
  4. Akamaro k'ubumenyi bwo kumenya Imana Allah Yo Yagize umuntu kuba azi amabwirizwa y'idini ryayo, maze akigaya ku caha igihe cose bishitse akakigwamwo, ntaheza ngo yihebure ko atababarirwa. ntaheza kandi ngo atsimbatare ku caha.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Japanese Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية الأكانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية البامبارية البنجابية الماراثية الياو
View Translations