عن أبي هريرة رضي الله عنه
عَنِ النَّبِيِّ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ، فِيمَا يَحْكِي عَنْ رَبِّهِ عَزَّ وَجَلَّ، قَالَ: «أَذْنَبَ عَبْدٌ ذَنْبًا، فَقَالَ: اللَّهُمَّ اغْفِرْ لِي ذَنْبِي، فَقَالَ تَبَارَكَ وَتَعَالَى: أَذْنَبَ عَبْدِي ذَنْبًا، فَعَلِمَ أَنَّ لَهُ رَبًّا يَغْفِرُ الذَّنْبَ، وَيَأْخُذُ بِالذَّنْبِ، ثُمَّ عَادَ فَأَذْنَبَ، فَقَالَ: أَيْ رَبِّ اغْفِرْ لِي ذَنْبِي، فَقَالَ تَبَارَكَ وَتَعَالَى: عَبْدِي أَذْنَبَ ذَنْبًا، فَعَلِمَ أَنَّ لَهُ رَبًّا يَغْفِرُ الذَّنْبَ، وَيَأْخُذُ بِالذَّنْبِ، ثُمَّ عَادَ فَأَذْنَبَ، فَقَالَ: أَيْ رَبِّ اغْفِرْ لِي ذَنْبِي، فَقَالَ تَبَارَكَ وَتَعَالَى: أَذْنَبَ عَبْدِي ذَنْبًا، فَعَلِمَ أَنَّ لَهُ رَبًّا يَغْفِرُ الذَّنْبَ، وَيَأْخُذُ بِالذَّنْبِ، اعْمَلْ مَا شِئْتَ فَقَدْ غَفَرْتُ لَكَ».
[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح مسلم: 2758]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire)
ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu vyo yakiriye ku Mana yiwe Rurema Nyenintsinzi na Nyenicubahiro, Yavuze Iti: "Hari umuja yakoze icaha, aca avuga yigaya ati: "Mana yanje Nzima Allah! Ndagusavye Umbabarire icaha nakoze, Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Ica Imwakiriza yompi Ivuga Iti: "Umuja wanje yakoze icaha, aca amenya ko afise Imana Rurema Ibabarira icaha, Ishobora no kugihanira. Hanyuma nya muja wanje asubira gukora icaha, araheza avuga yigaya kandi ati: "Ewe Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Umbabarire icaha nakoze", Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Ica Imwakiriza yompi Ivuga Iti: "Umuja wanje yakoze icaha, aca amenya ko afise Imana Rurema Ibabarira icaha, Ishoboye no kugihanira". Hanyuma wa muja wanje asubira gukora icaha, araheza avuga yigaya kandi ati: "Ewe Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Umbabarire icaha nakoze", Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Ica Ivuga Imwakiriza yompi Iti: "Umuja wanje yakoze icaha, aca amenya ko afise Imana Rurema Ibabarira icaha, Ishoboye no kugihanira". Imana Allah rero Iraheza Imuhumuriza Iti: "Muja wanje! Kora ivyo ushaka, ni ukuri Namaze kukubabarira ivyaha vyawe"".
[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح مسلم - 2758]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarakiriye ku Mana yiwe Rurema, ko umuntu iyo akoze icaha hanyuma akavuga yigaya ku Mana Allah ati: Mana yanje Nzima! Ndagusavye Umbabarire icaha nakoze, Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Ica Ivuga Iti: Umuja wanje yakoze icaha, aca amenya ko afise Imana Rurema Ibabarira icaha, Ikanamugumiriza akabanga kuri nya caha ntikimuhanire, amenya n'uko Imana Allah Ishoboye guhana umuntu ku caha yakoze. Kubera ivyo rero, ni ukuri Namaze kumubabarira icaha yakoze. Hanyuma wa muja wanje agasubira gukora icaha, agaheza akavuga yigaya ati: Ewe Mana yanje Rurema! Ndagusavye Umbabarire icaha nakoze, Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Igaca Ivuga Iti: Umuja wanje yakoze icaha, aca amenya ko afise Imana Rurema Ibabarira icaha Ikanamugumiriza akabanga kuri nya caha ntikimuhanire, amenya n'uko Imana Allah Ishoboye guhana umuntu ku caha yakoze. Kubera ivyo rero, ni ukuri Namaze kumubabarira icaha yakoze. Hanyuma wa muja wanje agasubira gukora kandi icaha, agaheza akavuga yigaya ati: Ewe Mana yanje Rurema! Ndagusavye Umbabarire icaha nakoze, Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Igaca Ivuga Iti: Umuja wanje yakoze icaha, aca amenya ko afise Imana Rurema Ibabarira icaha Ikanamugumiriza akabanga kuri nya caha ntikimuhanire, yamenye n'uko Imana Allah Ishoboye guhana umuntu ku caha yakoze. Kubera ivyo rero, ni ukuri Namaze kumubabarira icaha yakoze, nakore rero ivyo ashaka mu gihe cose azoba azi ko uko akoze icaha ategerezwa kwicuza akigaya, maze akiyemeza no kudasubira kugikora, yamara akaganzwa n'umutima wiwe ka muntu agasubira kandi kugwa mu caha. Mu gihe cose rero bizomugendera ukwo; akoze icaha akigaya, nanje Nzokwama ndamubabarira; burya ukwigaya ku caha kuragihanagura burundu nk'aho kitigeze kibaho.