عن أبي ذر رضي الله عنه قال: قال لي النبي صلى الله عليه وسلم:
«لَا تَحْقِرَنَّ مِنَ الْمَعْرُوفِ شَيْئًا، وَلَوْ أَنْ تَلْقَى أَخَاكَ بِوَجْهٍ طَلْقٍ».

[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم: 2626]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Abu Dharri (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarigeze kumbwira ati:
"Ntugakengere ikintu na kimwe mu vyiza, n'aho kwoba ari uguhura na mwenewanyu ukeye (ushwashwanutse) mu maso"".

[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم - 2626]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarahimirije umuntu gukora ivyiza, n'uko atokengera iciza na kimwe n'aho koba ari akantu gato. Muri ivyo vyiza adakwiye gukengera, ni ugushwashwanuka mu maso amwenyura igihe ahuye na mugenziwe, birakenewe rero ko umwislamu avyitwararika; kubera ko bituma haba ukumenyerana no kunezereza uwo bahuye.

Benefits from the Hadith

  1. Ivyiza vyo gukundana hagati y'abemeramana, ukumwenyura no gushwashwanuka mu maso igihe bahuye.
  2. Itungana ry'amabwirizwa y'ikislamu mu kuba ata na kimwe yirengagije kwigisha, n'uko yaje azaniye abislamu birya vyose bituma batunganirwa mu buzima, bakama bavuga (bayaga) rimwe bafatanye mu nda.
  3. Ihimirizwa ryo gukora iciza n'aho koba akantu gato.
  4. Gukundisha abislamu gukora ibitera umunezero hagati yabo; kuko bituma haba ukumenyerana hagati yabo.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Japanese Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية الأكانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية البامبارية البنجابية الماراثية الياو
View Translations