عن أبي هريرة رضي الله عنه أن رسول الله صلى الله عليه وسلم قال:
«كُلُّ أُمَّتِي يَدْخُلُونَ الْجَنَّةَ إِلَّا مَنْ أَبَى»، قَالُوا: يَا رَسُولَ اللهِ، وَمَنْ يَأْبَى؟ قَالَ: «مَنْ أَطَاعَنِي دَخَلَ الْجَنَّةَ، وَمَنْ عَصَانِي فَقَدْ أَبَى».

[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري: 7280]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Umwe wese mu bantu narungitsweko, azokwinjira mu Bwami bw'ijuru kiretse gusa uwuzokwanka".Abari bicaye ng'aho baca bavuga babaza bati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ni nde yokwubahuka koko akanka kwinjira mu Bwami bw'ijuru!?". Na yo ica yishura iti: "Uwuzonyumvira mu gushira mu ngiro ivyo nigishije, azokwinjira mu Bwami bw'ijuru; nayo uwuzogabitanya mu kutankurikira, ni uko azoba yanse kubwinjira".

[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري - 7280]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko umwe wese mu bantu yarungitsweko azokwinjira mu Bwami bw'ijuru, kiretse gusa uwuzokwanka ku gatwe kiwe!
Ingendanyi zari zicaye ng'aho (Imana Allah Izishimire) zica zivuga zibaza ziti: Ni nde ga Ntumwa y'Imana, yokwubahuka akanka kwinjira mu Bwami bw'ijuru!?
Intumwa na yo (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), maze ica izishura ko uwuzogamburuka maze akumvira akanakurikira Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), azokwinjira mu Bwami bw'ijuru; n'uko mu vy'ukuri, uwuzogabitanya mu kutayumvira ku mabwirizwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), azoba yanse kwinjira mu Bwami bw'ijuru kubera ibikorwa vyiwe bibi yakoze.

Benefits from the Hadith

  1. Ukwumvira Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), biri mu kwumvira Imana Allah; n'ukugabitanya kuri yo, biri mu kugabitanya ku Mana Allah.
  2. Ukwumvira Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), gutuma umuntu ategerezwa kuzokwinjira mu Bwami bw'ijuru; ukugabitanya kuri yo na kwo, gutuma umuntu ategerezwa kuzokwinjira mu muriro.
  3. Inkuru nziza ihumuriza abumviramana mu bantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), n'uko bose bazokwinjira mu Bwami bw'ijuru, kiretse gusa uwuzogabitanya ku Mana Allah no ku Ntumwa yayo.
  4. Ikigongwe n'impuhwe vy'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ku bantu biwe yarungitsweko, n'ukwitwararika kubarongora mu nzira igororotse.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Japanese Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية الأكانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية البامبارية البنجابية الماراثية الياو
View Translations