عن أبي هريرة رضي الله عنه أن رسول الله صلى الله عليه وسلم قال:
«كُلُّ أُمَّتِي يَدْخُلُونَ الْجَنَّةَ إِلَّا مَنْ أَبَى»، قَالُوا: يَا رَسُولَ اللهِ، وَمَنْ يَأْبَى؟ قَالَ: «مَنْ أَطَاعَنِي دَخَلَ الْجَنَّةَ، وَمَنْ عَصَانِي فَقَدْ أَبَى».
[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري: 7280]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Umwe wese mu bantu narungitsweko, azokwinjira mu Bwami bw'ijuru kiretse gusa uwuzokwanka".Abari bicaye ng'aho baca bavuga babaza bati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ni nde yokwubahuka koko akanka kwinjira mu Bwami bw'ijuru!?". Na yo ica yishura iti: "Uwuzonyumvira mu gushira mu ngiro ivyo nigishije, azokwinjira mu Bwami bw'ijuru; nayo uwuzogabitanya mu kutankurikira, ni uko azoba yanse kubwinjira".
[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري - 7280]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko umwe wese mu bantu yarungitsweko azokwinjira mu Bwami bw'ijuru, kiretse gusa uwuzokwanka ku gatwe kiwe!
Ingendanyi zari zicaye ng'aho (Imana Allah Izishimire) zica zivuga zibaza ziti: Ni nde ga Ntumwa y'Imana, yokwubahuka akanka kwinjira mu Bwami bw'ijuru!?
Intumwa na yo (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), maze ica izishura ko uwuzogamburuka maze akumvira akanakurikira Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), azokwinjira mu Bwami bw'ijuru; n'uko mu vy'ukuri, uwuzogabitanya mu kutayumvira ku mabwirizwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), azoba yanse kwinjira mu Bwami bw'ijuru kubera ibikorwa vyiwe bibi yakoze.