عَنِ ‌ابْنِ عَبَّاسٍ رَضِيَ اللهُ عَنْهُمَا قَالَ:
أُنْزِلَ عَلَى رَسُولِ اللهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ وَهُوَ ابْنُ أَرْبَعِينَ، فَمَكَثَ بِمَكَّةَ ثَلَاثَ عَشْرَةَ سَنَةً، ثُمَّ أُمِرَ بِالْهِجْرَةِ، فَهَاجَرَ إِلَى الْمَدِينَةِ، فَمَكَثَ بِهَا عَشْرَ سِنِينَ، ثُمَّ تُوُفِّيَ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ.

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري: 3851]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Mwene Abasi (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ati:
"Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yahishuriwe ifise imyaka mirongo ine, iraheza iguma i Makka imyaka cumi n'itatu; hanyuma itegekwa kwimuka ica yimukira i Madina, iraheza ibayo imyaka cumi, hanyuma (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yahavuye ipfa".

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري - 3851]

Explanation

Mwene Abasi (Imana Allah Ibishimire bompi) arigana ko Qor'ani yahishuriwe Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), hanyuma irungikwa kuba Intumwa ifise imyaka mirongo ine, iraheza iba i Makka imyaka cumi n'itatu mu nyuma y'ihishurirwa, hanyuma itegekwa kwimukira i Madina, iraheza irimuka maze ibayo imyaka cumi, mu nyuma rero (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yahavuye ipfa ifise imyaka y'amavuko mirongo itandatu n'itatu.

Benefits from the Hadith

  1. Ukwitwararika kw'ingendanyi ivyerekeye amateka na kahise vy'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah).
View Translations
Language: English Urdu Spanish More ... (66)