عن ابن عمر رضي الله عنهما قال: قال رسول الله صلى الله عليه وسلم:
«مَا زَالَ يُوصِينِي جِبْرِيلُ بِالْجَارِ، حَتَّى ظَنَنْتُ أَنَّهُ سَيُوَرِّثُهُ».
[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري: 6014]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Mwene Omari (Imana Allah Ibishimire bompi), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Umumalayika Jibrili ntiyahengeshanya kwama yampanuye kwitaho umubanyi, kugeza n'aho nibwira ko azohava amugenera umugabane w'ibitegerezwa gutoranwa".
[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري - 6014]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko umumalayika Jibrili atahengeshanya kwama yamwibukije kwitaho umubanyi, na we akaba ari urya muntu asanzwe yegereye ku muhana, yaba umwislamu canke umugararizamana; yaba uwa hafi mu muryango canke uwa kure; maze akitwararika kwubahiriza agateka kiwe no kutamugeramira, akamufasha mu bugwaneza, akamwihanganira hagize ico amubangamirako. Ntiyahengeshanya rero guhanura Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ko yitaho umubanyi wiwe kugeza n'aho, afatiye ku gateka kiwe gasabwa no ku kwama yamuhimirije kukubahiriza, yibwira ko Jibrili azohava amuhishurira ibwirizwa riha umubanyi ubureganzira bwo gutorana mu matungo yiwe azosiga niyamara gupfa.