عن عبد الله بن مسعود رضي الله عنه قال: سمعت رسول الله صلى الله عليه وسلم يقول:
«إنَّ الرُّقَى والتَمائِمَ والتِّوَلَةَ شِرْكٌ».

[صحيح] - [رواه أبو داود وابن ماجه وأحمد] - [سنن أبي داود: 3883]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Abdullahi mwene Mas'uudi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko yumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti:
"Mu vy'ukuri, gutongera (kuvura hakoreshejwe amajambo adatomoye), ukwambara ibiheko no gukoresha uburozi mu gukundanisha abubakanye "tiwala"(1), ivyo vyose ni ibangikanyamana".

[صحيح] - [رواه أبو داود وابن ماجه وأحمد] - [سنن أبي داود - 3883]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yaratomoye mu kwerekana ibintu bimwe iyo bikozwe, ko aba ari ibangikanyamana. Muri ivyo:
Ubwa mbere: Ugutongera "ruqaa", bisigura ukuvura hakoreshejwe amajambo adatomoye ahurikiyemwo ibangikanyamana, yahoze akoreshwa mu gihe abantu bari bakiri mu kwemera kw'ibintazi (igihe c'ubujuju bwo kutamenya ubwislamu) "jaahiliyya".
Ubwa kabiri: Ukwambara ibiheko, vyaba ibihinguwe mu dutete canke mu bindi, maze bikambikwa abana, ibitungwa canke bikambikwa canke bikamanikwa ku bindi bitari ivyo; mu ntumbero yo gukinga ijisho ribi ry'abanyeshari.
Ubwa gatatu: Ukwanika “tiwala”, bisigura ugukoresha uburozi ku mvo zo gukundanisha abubakanye, maze nya burozi bugatuma umugabo adashobora kurangura amabanga y'abubatse n'uwo bubakanye, canke bugatuma umugabo yiyumvira umukenyezi wiwe muri vyose atabanje kwiyumvira.
Ugukora ibi bintu bidondaguwe rero, ni ibangikanyamana; kuko harimwo ukwifashisha ikintu kitarekuwe ufatiye ku vyemezo vy'amabwirizwa y'ubwislamu, kitanarekuwe kandi wisunze imvo zifadika mu vyageragejwe n'abantu. Nayo ukwifashisha ibintu vyemewe n'amabwirizwa y'ubwislamu; nko gusoma Qor'ani, canke gukoresha ibintu bifadika mu vyageragejwe gushakishwa n'abantu nk'imiti, ivyo birarekuwe ariko bikajana n'ukwemera ko ari ivyifashishwa gusa, akemera n'uko umuntu kuronka ibimufitiye akamaro canke kwikingira ibimugeramira, biba ku bushobozi bw'Imana Allah.

Benefits from the Hadith

  1. Ugukingira ukwemera Imana Imwe Rudende Allah n'ukwemanga ko ari Yo Mushoboravyose mu kudatosekazwa na kimwe coza kivyonona.
  2. Iziririzwa ry'ikoreshwa ry'amajambo y'ibangikanyamana mu kuvura (ugutongera), kwambara ibiheko hamwe rero no kuronderera urukundo hagati y'abubakanye mu burozi (ukwanika).
  3. Ukwemera kw'umuntu ko ibi bintu bitatu vyifashishwa, ni ibangikanyamana rito (ridakura umuntu mu bwislamu); kuko harimwo ukwifashisha ikintu kidakwiye kuba icifashisho cemewe; nayo umuntu kwemera ko ivyo bintu ko ubwavyo vyonyene bifise ubushobozi bwo kugira ico bimumariye canke bimwiciye, ni ibangikanyamana rutura (rikura umuntu mu bwislamu).
  4. Ukwihaniza umuntu ikoreshwa ry'ivyifashishwa bishingiye kw'ibangikanyamana n'iry'ibiziririjwe.
  5. Iziririzwa ry'ikoreshwa ry'amajambo adatomoye mu kuvura (gutongera), n'uko biri mw'ibangikanyamana, kiretse ikoreshwa ry'amajambo arekuwe mu mabwirizwa y'ubwislamu (Ruqya).
  6. Ni ngombwa ko umuntu agumiza umutima ku Mana Allah Yonyene; kuko ibimugeramira canke ibimufitiye akamaro, ntibiba atari uko Imana Allah Yonyene Ibirekuye ngo bibe, burya nta n'umwe ashoboye gutuma ineza iba atari Imana Allah, eka nta n'uwukingira umuntu inabi yomushikira atari Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere.
  7. Ikoreshwa ry'amajambo rirekuwe mu kuvura "ruqaa", ni ikoreshwa rikwije ibisabwa bitatu: 1-Ukwemera n'ukwemanga ko ikoreshwa ry'ayo majambo ari icifashisho gusa ata co kimaze kiretse ku burenganzira bw'Imana Allah. 2-Kuba ari amajambo ya Qor'ani, amazina n'amatazirano y'Imana Allah, ibisabisho vyakoreshejwe n'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) hamwe rero n'ibisabisho bijanye n'amabwirizwa y'ubwislamu. 3-Kuba amajambo akoreshwa ari mu rurimi rutomoye rutagiramwo itongera ry'amajambo canke ry'ivyanditswe.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Japanese Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية الأكانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية البامبارية البنجابية الماراثية الياو
View Translations
More ...