عن عبد الله بن مسعود رضي الله عنه قال: سمعت رسول الله صلى الله عليه وسلم يقول:
«إنَّ الرُّقَى والتَمائِمَ والتِّوَلَةَ شِرْكٌ».
[صحيح] - [رواه أبو داود وابن ماجه وأحمد] - [سنن أبي داود: 3883]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abdullahi mwene Mas'uudi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko yumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti:
"Mu vy'ukuri, gutongera (kuvura hakoreshejwe amajambo adatomoye), ukwambara ibiheko no gukoresha uburozi mu gukundanisha abubakanye "tiwala"(1), ivyo vyose ni ibangikanyamana".
[صحيح] - [رواه أبو داود وابن ماجه وأحمد] - [سنن أبي داود - 3883]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yaratomoye mu kwerekana ibintu bimwe iyo bikozwe, ko aba ari ibangikanyamana. Muri ivyo:
Ubwa mbere: Ugutongera "ruqaa", bisigura ukuvura hakoreshejwe amajambo adatomoye ahurikiyemwo ibangikanyamana, yahoze akoreshwa mu gihe abantu bari bakiri mu kwemera kw'ibintazi (igihe c'ubujuju bwo kutamenya ubwislamu) "jaahiliyya".
Ubwa kabiri: Ukwambara ibiheko, vyaba ibihinguwe mu dutete canke mu bindi, maze bikambikwa abana, ibitungwa canke bikambikwa canke bikamanikwa ku bindi bitari ivyo; mu ntumbero yo gukinga ijisho ribi ry'abanyeshari.
Ubwa gatatu: Ukwanika “tiwala”, bisigura ugukoresha uburozi ku mvo zo gukundanisha abubakanye, maze nya burozi bugatuma umugabo adashobora kurangura amabanga y'abubatse n'uwo bubakanye, canke bugatuma umugabo yiyumvira umukenyezi wiwe muri vyose atabanje kwiyumvira.
Ugukora ibi bintu bidondaguwe rero, ni ibangikanyamana; kuko harimwo ukwifashisha ikintu kitarekuwe ufatiye ku vyemezo vy'amabwirizwa y'ubwislamu, kitanarekuwe kandi wisunze imvo zifadika mu vyageragejwe n'abantu. Nayo ukwifashisha ibintu vyemewe n'amabwirizwa y'ubwislamu; nko gusoma Qor'ani, canke gukoresha ibintu bifadika mu vyageragejwe gushakishwa n'abantu nk'imiti, ivyo birarekuwe ariko bikajana n'ukwemera ko ari ivyifashishwa gusa, akemera n'uko umuntu kuronka ibimufitiye akamaro canke kwikingira ibimugeramira, biba ku bushobozi bw'Imana Allah.