عن عبد الله بن عمرو رضي الله عنهما عن النبي صلى الله عليه وسلم قال:
«لَيْسَ الْوَاصِلُ بِالْمُكَافِئِ، وَلَكِنِ الْوَاصِلُ الَّذِي إِذَا قُطِعَتْ رَحِمُهُ وَصَلَهَا».
[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري: 5991]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abdullaahi mwene Amri (Imana Allah Ibishimire bompi we hamwe na se), yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yavuze ati:
"Uwunga ubuvandimwe mu kugira ico atanze, si uwusubiriza uwundi mu ndumane; ariko uwunga ubuvandimwe koko mu kugira ico atanze, ni urya iyo hagize uwuca ubuvandimwe bwiwe, aheza akabwunga (mu guha uwamwimye no mu kubabarira uwamugiriye nabi)".
[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري - 5991]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arigana mu kwerekana ko umuntu arangwa n'ubuntu nya buntu mu kwunga ubuvandimwe no mu kugirira ubugwaneza incuti za hafi mu muryango, atari urya asubiriza uwundi mu ndumane mu kwishura ineza iyindi, ahubwo ko uwunga koko ubuvandimwe arangwa n'ubuntu nya buntu mu kugira ico atanze mu kubwunga, ari urya iyo hagize uwuca ubuvandimwe bwiwe akamugirira inabi, yitwararika kubwunga mu bugwaneza.