+ -

عن عبد الله بن عمرو رضي الله عنهما عن النبي صلى الله عليه وسلم قال:
«لَيْسَ الْوَاصِلُ بِالْمُكَافِئِ، وَلَكِنِ الْوَاصِلُ الَّذِي إِذَا قُطِعَتْ رَحِمُهُ وَصَلَهَا».

[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري: 5991]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Abdullaahi mwene Amri (Imana Allah Ibishimire bompi we hamwe na se), yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yavuze ati:
"Uwunga ubuvandimwe mu kugira ico atanze, si uwusubiriza uwundi mu ndumane; ariko uwunga ubuvandimwe koko mu kugira ico atanze, ni urya iyo hagize uwuca ubuvandimwe bwiwe, aheza akabwunga (mu guha uwamwimye no mu kubabarira uwamugiriye nabi)".

[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري - 5991]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arigana mu kwerekana ko umuntu arangwa n'ubuntu nya buntu mu kwunga ubuvandimwe no mu kugirira ubugwaneza incuti za hafi mu muryango, atari urya asubiriza uwundi mu ndumane mu kwishura ineza iyindi, ahubwo ko uwunga koko ubuvandimwe arangwa n'ubuntu nya buntu mu kugira ico atanze mu kubwunga, ari urya iyo hagize uwuca ubuvandimwe bwiwe akamugirira inabi, yitwararika kubwunga mu bugwaneza.

Benefits from the Hadith

  1. Kwunga ubuvandimwe bwemewe mu bwislamu, ni uko wokunga ubw'uwuguciye mu bandi, ukababarira uwukurenganije, ugaha n'uwukwimye, si ukwunga ubucuti bw'uwaguhaye mu ntumbero yo kumusubiriza mu ndumane canke kugira ineza ku yindi.
  2. Kwunga ubuvandimwe rero, bikorwa mu kugirira neza abandi mu buryo ubwo ari bwo bwose bushoboka; haba mu kubaha mu matungo, mu kubasabira ku Mana Allah, mu kubabwiriza gukora ivyiza no kubabuza gukora ibibi, n'ibindi, hamwe rero no mu kubakingira inabi mu buryo ubwo ari bwo bwose, iyo izanana hose.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Japanese Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية الأكانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations
More ...